Imvo n'Imvano: Ingene abishe n'abiciwe abantu mu Ruyigi mu ndyane zadutse inyuma y'igandagurwa rya Melchior Ndadaye bariko barasubiza hamwe
Ikaze mu kiganiro c’Imvo n’Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4 ukwezi kwa cumi na rimwe mu 2023.
Ni ikiganiro kigira gatatu ari na co ca nyuma mu rukurikirane rw’ibiganiro twabateguriye ku vyaranze n'ivyakurikiye igandagurwa rya prezida Melchior Ndadaye w’Uburundi, haraheze imyaka 30.
Inyuma y’igandagurwa rya prezida Ndadaye, hakuriye ubwicanyi bw’agahomerabunwa, aho Abahutu n’Abatutsi bacagirizanya kubutangura. Abantu ibihumbi n’ibihumbi barahasize ubuzima abandi bahungira mu bihugu bibanyi.
Inyuma y’imyaka 30 ubwo bwicanyi bubaye, ababuze abantu baracarindiriye ubutungane.
Mu ntumbero yo kumenya ukuri ku vyabaye harashinzwe umugwi CVR, ujejwe kumenyekanisha ukuri no kunywanisha. Uretse ivyabaye kuva iryo gandagurwa ribaye, ufise igikorwa co kugira amatohoza ku magume yose yashikiye Uburundi kuva mu gihe c'ubukoroni gushika mu 2008 intambara yakuriiye urupfu rwa Perezida Mdadaye irangiye. Ariko CVR ntivurwako rumwe.
Ariko hari ayandi mashirahamwe yigenga nk’igisata ca Justice et Paix (Ubutungane n’amahoro) cegukira Ekleziya Katolika, kiza caramaze gutangura gufasha abakoze ivyaha n’ababikorewe gusabana imbabazi no kuzitanga.
Gushika ubu abantu 100 biciwe abantu baramaze gutanga ikigongwe ku bantu barenga 20 biyemerera ko bishe.
Imvo n’Imvano y’uyu musi rero idushikana mu buseruko bw’Uburundi mu ntara ya Ruyigi aho ico gikorwa catanguriye.
Tugiye kuyaga n’abarongoye igisata c’ubutungane n’amahoro, bamwe mu biciwe abantu bamaze gutanga ikigongwe, n’abishe bamaze kwigaya.
Ikiganiro mwagiteguriwe kandi mugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo
