Imvo n'Imvano ku mugambi w'Uburundi wo kuba igihugu giteye imbere mu 2060

Insiguro y'amajwi, Umviriza ngaha: Imvo n'Imvano ku mugambi w'Uburundi wo kuba igihugu giteye imbere mu 2060 (Kw'ifoto uhereye i bubamfu: Evrard Havyarimana, Olivier Suguru na Alain Ndikumana)
Imvo n'Imvano ku mugambi w'Uburundi wo kuba igihugu giteye imbere mu 2060
Yatangajwe

Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze mu kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 ukwezi kwa 12 mu 2024.

Mu ndwi iheze mu Burundi habaye inama idasanzwe yari ifise intumbero yo gufasha reta y'Uburundi gushika ku gutunganya ico gihugu ku buryo mu mwaka wa 2040 coba ari igihugu cigaburira kandi cifashe, hanyuma mu 2060 kizobe ari igihugu giteye imbere.

Iyo nama yari yitabiriwe n'intumwa zivuye mu bihugu birenga 30, harimwo Amerika, Ubushinwa, Ubwongereza, Canada, Uburusiya, Arabia Soaudite… n'ibindi.

Ivyo bihugu vyose vyari vyakoranijwe no kuraba ingene uwo mugambi woja mu ngiro. Ku miriyaridi 24 z'amadorari y'Amerika zikenewe, abitavye iyo nama y'imisi ibiri bagiye biyemeje gutanga ayarenga gato imiriyaridi zine z'amadorari.

Kugira Uburundi bushike kuri iryo hangiro, buhamagarira abanyamitahe kuza ari benshi gushira imitahe yabo mu migambi itandukanye reta yaberetse, harimwo iyimaze gukorerwa ivyigwa n'iyindi itarigwa neza.

Ariko hari abafise amakenga ko ivyo bishoboka, bafatiye ku biharuro vyerekeye uburezi, ubukene, intwaro ibereye, n'amagara y'abantu bitifashe neza mu Burundi.

Ivyo ariko ngo ni vyo bagiye kubanza guhindura.

Muri iki kiganiro turarabira hamwe imigambi nyamukuru reta ishira imbere. Akabirya ni akahe kotuma abanyamitahe bahurumbira Uburundi? Ingorane zituma abanyamitahe batitabira kuza mu Burundi, uruhara rwa reta n'abanyagihugu rwoba uruhe mu gutuza igiturire na mpinga yanje? Amahera biyemeje azotangwa koko? Kuri miriyaridi 24 z'amadorari zikenewe, bemeye kuzotanga izishika kuri 4, azokora ibiki vy'ibanze?

Muri iki kiganiro mugiye kuba hamwe na Alain Ndikumana arongoye ibiro vy'umukuru w'igihugu bijejwe ivyigwa n'iterambere (BESD), Olivier Suguru arongoye ihuriro ry'abagwizatunga (CFCIB), Gabrien Rufyiri arongore OLUCOME, turi kumwe ku murongo wa terefone, hamwe rero na Evrard Havyarimana, umwe mu bitavye inama kandi yiyemeje kuzana umutahe mu kugwiza umuyagankuba uva ku mishwarara y'izuba.

Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi mugiye kugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.