Ibaze gutambukira ku mugozi mu kirere ku 200m

Ibaze gutambukira ku mugozi mu kirere ku 200m
Yatangajwe

Jaan Roose niwe yatwaye igikombe c'isi incuro 3, mu gutambukira k'umugozi mu kirere.

Uno munsi, ari mw'ihuriro ry'i Dubai "1 Billion Followers Summit".

Ashinga intahe uko gutambukira k'umugozi hagati y'amagorofa 'Jumeirah Emirates Towers' bitabaye icoroshe.

Mu myaka 15 abikora, ubu yatambuka k'umugozi umanitse kuri izo gorofa z'i Dubai zirenza 300m z'uburebure.