Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Israel-Hamas: Mu mavidewo, abarekuwe basubirana n’imiryango yabo
Mu masezerano y’agahengwe yahagarariwe na Qatar mu ntambara hagati ya Israel na Hamas, bitegekanijwe ko impfungwa za Israel zishika 50 hamwe n’iza Palestina zishika 150 zizorekurwa mu misi ine y’agahengwe kemewe. Inyuma y’aho impfungwa za mbere zirekuriwe ku wa gatanu n’ejo ku wa gatandatu, raba amwe mu ma videwo yerekana ingene vyari vyifashe.
Igihe umwana w’imyaka icenda asubira ku bonana na se wiwe
Umwana w’imyaka icenda w’umunya-Israel afise Emily Hand amamuko muri Irlande asubiye kubonana na se wiwe inyuma y’aho arekuriwe na Hamas.
Uno mwana w’umukobwa yari yatwawe na Hamas muri Gaza ku wa 07 Gitugutu (10) aho yamaze imisi 50 ata wundi muntu n’umwe wo mu muryango.
Iyi videwo yerekana kandi umwana w’umukobwa w’imyaka 13 Hila Rotem Shoshani yakirwa na se wabo. Nyina wiwe (wa Hila) aracari mu minwe ya Hamas muri Gaza.
Aba bana babiri b’abakobwa bari mu murwi w’Abanya-Israel 13 barekuwe muri Gaza ejo ku wa gatandatu mu masezerano hagati ya Israel na Hamas.
Igihe umwana w’umuhungu yakirwa na se wiwe inyuma y’igihe ari mu marushwa
Wari umunezero ntangere igihe Abanya-Israel bari bafashwe bunyagano barekurwa na Hamas bagasubirana n’imiryango yabo ku wa gatanu.
Umwana w’imyaka icenda Ohad Munder abonana na se wiwe ahitwa Petah Tikv.
Iyi videwo yerekana kandi nyina wiwe Keren na inakuru Ruthi basubirana n’umuryango wabo, inyuma y’amayinga indwi bari bamaze mu minwe ya Hamas.
Aba bagore, harimwo n’abari mu zabukuru, hamwe n’umwana bururutswa imodoka y’ubutabazi
Raba Abanya-Palestina nabo bari bapfungiwe mu mabohero ya Israel barekuwe
Ku rundi ruhande, Abanya-Palestina 39 bari bapfungiwe mu mabohero ya Israel bararekuwe inyuma y’ano masezerano yo guhanahana impfungwa hagati ya Israel na Hamas.
Isinzi ry’abantu bari basidukanye n’inyonka mu gisagara ca Beituniya muri Cisjordanie/West Bank mu gihe imodoka yari itahukanye bamwe mu mpfungwa yariko irazunguruka mu mabarabara. Bamwe muri aba bantu bari bafise amabendera asa n’urwatsi ya Hamas.