Umwimbu wa Cocaine ku rugero rurenze uko hagenda haboneka ibibanza bishasha idandarizwamwo

Cocaine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abaganga baragabisha ko cocaine rimwe na rimwe icangwa n'ibindi bintu bibangamira amagaraa
Yatangajwe

Umwimbu wa cocaine kw'isi washitse ku rugero rutari bwigere ruboneka mu gihe abayirondera bongerekanye cane inyuma yo kwugaranwa muri Covid, nk'uko icegeranyo gishasha kibivuga.

Ishami rya Onu rigwanya ibiyayuramutwe n'ibindi vyaha rivuga ko igiterwa ca coca congerekanye kigashika ku bice 35% hagati ya 2021 na 2022, kikaba kigeze ku rugero rutari bwigere ruboneka.

Ico cegeranyo kivuga ko habonetse ibindi bibanza cocaine idandarizwamwo muri Afrika y'uburengero n'iyo hagati.

Ico cegeranyo kivuga kandi ko abadandaza cocaine ubu bakoresha cane uburyo bwa posita ku rwego mpuzamakungu mu kurungikira ico kiyayuramutwe abaguzi.

Uburaya n'uburaruko bwa Amerika ni yo masoko manini ya cocaine, hagakurikira ubumanuko na hagati muri Amerika na Caraibe.

Mu gihe ico cegeranyo cerekana ko amasoko yo muri Afrika na Asia "akiri make", Ghada Waly akorera Onu avuga ko kuba bigaragara ko isoko rishobora kwiyongera muri ivyo bice ari ukuri guteye ubwoba.

Ico cegeranyo mpuzamakungu kuri cocaine kivuga ko ukwiyongera kw'umwimbu kwavuye ku gukwiragizwa kw'ico giterwa, hamwe no mu guhingura cocaine nk'ifu.

Kivuga giti: "Ibiharuro kuri cocaine yafashwe vyerekana ko uruhara rwa Afrika, cane cane uburengero n'akarere ko hagati, ari ho haca iyiriko iragana amasoko ya Buraya, yiyongereye cane kuva mu 2019.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Yaba ubwinshi bwa cocaine yafatiwe muri Afrika canke ibitigiri vyafashwe binini cane vyerekana ko ari urugero rutari bwaboneke mu 2021."

Ico cegeranyo kivuga ko ikiza Covid-19 "cahungabanije" ico kiyayuramutwe ku masoko kubera ingendo zo mu mahanga zagabanutse cane.

Abagura cocaine baragabanutse cane kuko inzu zo kwidagaduriramwo n'ububare vyari vyugaye mu gihe c'iyugaranwa ca Covid.

Ico cegeranyo kigira giti: "Ivyo ari vyo vyose, ibiharuro vya vuba vyerekana ko ico kiza cagize ingaruka ku kuntu ibintu vyifashe ku gihe kirekire. Ubwinshi bwa Cocaine buteye ku rugero rutari bwigere ruboneka kw'isi."

Mu Bwongereza, ico cegeranyo kivuga ko habaye "ukwiyongera kugaragara" kwa cocaine ifatwa mu "dutu twihuta kurungikwa no mu maposita".

Iryo fatwa rya cocaine rikorwa n'abajejwe umutekano na ryo ryarongerekanye - ku rugero rwo hejuru co kimwe n'umwimbu wayo, nk'uko icegeranyo kibivuga.

Muri bimwe mu vyo ico cegeranyo cashitseko, twovuga:

  • Colombia iracari imbere mu nzira cocaine icamwo n'aho inzira zigana i Buraya zongerekanye
  • Gufata cocaine muri Australia vyarongerekanye cane hagati mu 2020, biramanuka ku bice 50% mu mwaka wakurikiye hanyuma bisubira kuduga "bisanzwe" mu mezi make ra 2021
  • Inkozi z'ikibi zo muri Mexique na Balkan baregereye cane ahahingurirwa cocaine kugira bayironke itabagoye
  • Abafata cocaine barongerekanye cane mu bihugu vyinshi vy'uburengero bwa Buraya, nk'Ubwongereza, Ububiligi, Ubufaransa na Espagne.
  • Muri Ukraine isoko ryari ryashitseyo ariko kuva Uburusiya buteye ico gihugu mu kwezi kwa kabiri kw'umwaka uheze, isoko ntiryifashe neza.