Ingabo za Tanzania ziri muri MINUSCA zigiye gutahukanwa ku birego vy’amabi ashingiye ku gitsina

Ahavuye isanamu, AFP
Ishirahamwe ONU ryafashe ingingo yo kurungika abasirikare ba Tanzania barungitswe muri Centrafrique, kubera ivyaha bagirizwa amabi ashingiye ku gitsina bagirijwe.
Mu kiganiro yama agirana n’abamenyeshamakuru, umuvugizi w’ishirahamwe ONU, Stéphane Dujarric, yavuze ko iyi ngingo yo kubarungika mu gihugu cabo yafashwe n’ibiro vy’umunyamabanga mukuru i New York, bimaze kuvugana n’ubu butumwa bwo kugarukana amahoro muri RCA, MINUSCA.
Dujarric avuga ko “iyi ngingo yafashwe inyuma y’aho amatohoza ya mbere yasanze abasirikare 11 b’uyu murwi wavuye muri Tanzania waragize uruhara mu gukoresha abantu bane ku nyungu zabo bwite no kubakorera amabi ashingiye ku gitsina”.
Mw’itangazo, MINUSCA ivuga ko imaze kwumva ivyo yaciye yihutira “kurungika umurwi wihuta” kugira ngo wihweze ibi birego.
Iri rangazo rivuga riti: “Ivyemezo vyerekana kandi ko mu burongozi bw’izi ngabo habayemwo ugusamara”.
Mu kwishura kuri ibi bivugwa aciye ku rubuga rwa Twitter, umukuru w’igisata kijejwe kubungabuhga amahoro muri ONU, Jean-Pierre Lacroix, yavuze ko inyifato nk’iyi ata kibanza ifise mu gisata ciwe, aca yongerako y’uko ingingo yo kubarungika iwabo ari “ingingo ruhasha yafashwe mu ntumbero yo gukingira abakorewe amabi kandi yerekana ko twiyemeje gutorera umuti bidatevye ivyaha nk’ibi dufadikanije n’igihugu cabo”.
Umuvugizi wa ONU avuga ko reta ya Tanzania yari yamaze kumenyeshwa iyi ngingo, kandi ko na yo nyene ubwayo yarungitse muri Centrafrique umurwi w’igihugu ujejwe gukora amatohoza.
Itangazo rya MINUSCA rivuga riti: “Abategetsi ba Tanzania bo nyene barashimangira icemezo cabo co kutihanganira na gato amabi ashingiye ku gitsina, baca bemeza ko ibi ari ibirego bikomeye cane, bakaba biyemeje gufata ingingo zikenewe”.
Dujarric yongerako y’uko uyu murwi wimuriwe kure y’ahabereye ibi vyaha, ubu bakaba bugaraniwe mw’ikambi “mu ntumbero yo gukingira abakorewe aya mabi hamwe kandi no mu kugira ngo amatohoza ntahave ajamwo utunenge. Uyu murwi uzorungikwa mu gihe abajejwe amatohoza bazoba batakibakeneye”.
MINUSCA ishimangira ko itegerezwa gushira mu ngiro poritike y’umunyamabanga mukuru wa ONU yo kutihanganira ikubagurwa rishingiye ku gitsina.











