Ibihumbi bahunze intambara muri Masisi ntibazi iyo bata umutwe
Ibihumbi bahunze intambara muri Masisi ntibazi iyo bata umutwe
Yatangajwe
Naho hose itahagenzura, M23 ubu iri m'uturere 5 kuri 6 tugize Kivu ya ruguru: Nyiragongo, Rutshuru, Lubero, Walikale, na Masisi.
"Merewe nabi cane, nta n'ico nsigaranye, ndara hanze".
Ni amarira ya Rebbecca Maluke, umwe mu bihumbi BBC yasanze mw'ikambi ya Bushagara, kuri 10km uva i Goma.
Abaserukira ONU muri RDC bagaye uko umuhari M23 warenze ku masezerano y'amahoro yo mu kwa 7 / 2024, hagati ya leta ya RDC n'u Rwanda.
M23 yari yatanguye ibitero i Masisi mu ntango ya 2024.




