Ibihumbi bahunze intambara muri Masisi ntibazi iyo bata umutwe

Insiguro ya video, Masisi: Ibihumbi bahunze intambara ntibazi iyo bata umutwe
Ibihumbi bahunze intambara muri Masisi ntibazi iyo bata umutwe
Yatangajwe

Naho hose itahagenzura, M23 ubu iri m'uturere 5 kuri 6 tugize Kivu ya ruguru: Nyiragongo, Rutshuru, Lubero, Walikale, na Masisi.

"Merewe nabi cane, nta n'ico nsigaranye, ndara hanze".

Ni amarira ya Rebbecca Maluke, umwe mu bihumbi BBC yasanze mw'ikambi ya Bushagara, kuri 10km uva i Goma.

Abaserukira ONU muri RDC bagaye uko umuhari M23 warenze ku masezerano y'amahoro yo mu kwa 7 / 2024, hagati ya leta ya RDC n'u Rwanda.

M23 yari yatanguye ibitero i Masisi mu ntango ya 2024.

Impunzi y'i Bushagara: “Merewe nabi cane, nta n’ico nsigaranye, ndara hanze”.
Insiguro y'isanamu, Rebbecca Maluke: "Merewe nabi cane, nta n'ico nsigaranye, ndara hanze".