OMS ifise ubwoba bw'ikiza c'ubukangwe/imbasa gishobora gutera Gaza

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, David Gritten
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe amagara y'abantu OMS/ WHO, “ritewe umwitwarariko cane” n’uko ikiza c'umugera w'ingwara y'ubukangwe/imbasa, gishobora gutera akarere ka Gaza, inyuma y'aho habonekeye ibimenyetso vyayo mu mazi yanduye.
Dr Ayadil Saparbekov, aserukira OMS mu turere twa Palesitina, yabwiye abanyamakuru ko habaye isuzumwa ry'urugero ruhari rw'ivyago vyo kwandura, kandi abakozi bo kwa muganga bariko baratanga impanuro zifasha abantu baharurwa mu miliyoni 2.3 baba muri Gaza kwikingira.
Ariko, yongeyeko ko, "bigoye cane" ku bantu gukwirikiza izo mpanuro, bitewe no kwononekara kw'amazi n'ibindi bijanye n'inyubako z'iterambere zifasha mw'isuku, nk'ubwiherero, vyasambutse.
Mu kwezi guheze, ibimenyetso vy'umugera utera ubukangwe, umugera ukwiragira biciye mu mwanda wo mu misarane, vyagaragaye mu mazi yanduye mu bibanza bibiri vyo muri Gaza, bigasobanura ko ushobora kuba uriko urakwiragira.
Kugeza ubu nta banduye uyo mugera baraboneka. Ariko ku munsi w'Imana, abasirikare ba Israel baratanguye guhabwa urukingo.
OMS hamwe n’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho abana -Unicef, bemeza ko muri Gaza hakenewe isekeza rusangi ryo gukingirira abantu iyo ngwara.
Ico bikoze ariko, ingorane zo gushika ahakenewe ku bakozi b'amashirahamwe y'abagiraneza, hamwe n'impungenge z'umutekano, bivuze ko iryo sekeza rizogorana.
Igisirikare ca Israel kimenyesha ko kiriko kirakorana n'amashirahamwe atandukanye mu kugeza inkingo ku Banyapalestina muri Gaza. Congeyeko ko 'inkingo zigera ku 300.000 zimaze kurungikwa mu karere ka Gaza kuva intambara itanguye hagati ya Israel na Hamas mu kwezi kw'icumi'.
Indwara y’ubukangwe iterwa n'umugera wandurira mu mwanda mukuru, canke bigaca ku wanduye akororeye canke akasamurira ku bandi. Irashobora gutera ubumuga, ndetse iyo yakaze ikavamwo urupfu.
OMS ivuga ko urugero rwo gucandaga mu karere ka Gaza n'utundi turere tw'Abanyapalestina nka Cisjordania, rwari rumeze neza imbere y'intambara. Ingwara y'ubukangwe yaracandagwa kugera ku 99% mu 2022, n'ubwo urwo rugero rwari rwamanutse kuri 89% umwaka uheze, nk'uko ibiharuro vya nyuma bibigaragaza.
Ariko nk’uko ikigo ca ONU kibigaragaza, gusambura ibikorwa vy'iterambere vy'igisata c'amagara y'abantu muri Gaza, aho ibitaro 16 gusa kuri 36 ari vyo bisigaye bipfa gukora nabi nabi, kutagira umutekano, kwama abantu baturatura bahunga, kutagira imiti ishobora kubashikira, ubukene bw'amazi n'ibikorwa vy'iterambere vy'isuku, ivyo vyose vyagize uruhara mu kugabanuka kw'urugero rwo gucandaga no kwiyongera kw'impungenge z'ikwiragira ry'ingwara.
Dr Saparbekov yavuze ko abantu benshi baba mu buhungiro, usanga basangiye akazu kamwe k'ubwiherero ari 600, kandi batagira amazi meza yo kunywa.
Igisata kijejwe amagara y'abantu c'umuhari Hamas cagabishije ku munsi wa kane ko amagara y'abanyagihugu ashobora kuja mu kaga, inyuma yo kumenya ko hari umugera wabonetse mu mazi yanduye aturuka mu misarane, atembera “hagati y’amahema y’impunzi no mu tundi turere tubamwo abantu".
OMS yashimangiye ko guhagarika intambara ari ngombwa kugira ngo haboneke inyishu irama.
Ku wa kabiri, abarimu umunani b’ivyirwa bijanye n'amagara y'abantu bateye akamo babicishije mu kinyamakuru Haaretz, baburira abantu ko abafise ivyago vyinshi vyo kwandura ari abana b'Abanyapalesitina n'abanya Israel batarangije inkingo zisabwa.
Banditse bati: “Turazi igikwiye gukorwa. Gikwiye gukorwa kubw'abanyagihugu bose bo mu karere. Iyi si politike. Ibi bijanye n'amagara n'ubuzima”.














