China: abagore bikora k’ubuhinga ChatGPT barondera urukundo

China: abagore bikora k’ubuhinga ChatGPT barondera urukundo
Yatangajwe

M'Ubushinwa, abagore batanguye kwikora kuri ‘DAN’, ubwoko bw’ubuhinga ChatGPT, barondera ababaresha.

Leta isaba abagore kwitaba gushinga ingo ku bwinshi.

DAN isigura ‘Do Anything Now’, ibafasha kurengera ‘amategeko’ ngenderwako mu guhana amakuru no kuyaga.

Abagore babajijwe bavuga ko kuresh/wa biciye muri ubwo buhinga bumva bibatera iteka n’icizere, mu gihe abahinga bagabisha ko abantu baba batakigenderanira.