Trump yitwariye uwari umushingwamanza wiwe Michael Cohen kugira acibwe imiriyoni 500$

Michael Cohen ahagaze inyuma ya Donald Trump

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Kayla Epstein
    • Igikorwa, BBC News, New York
  • Yatangajwe

Donald Trump yahoze ari umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yitwariye uwahoze ari umushingwamanza wiwe kugira bamuce imiriyoni 500 z’amadorari y’Abanyamerika, amwagiriza ko yahonyanze amasezerano bari bafitaniye.

Avuga ko Michael Cohen yarenze ku masezerano nk’umushingwamanza wiwe yategerezwa gukora akingira inyungu z’umukiriya wiwe.

Uru rubanza rwugurujwe mu gihe ibitero vy’incuti za Trump kuri Cohen bibandanya vyiyongera, akaba ari icabona gikomeye mw’igendereza ririko rikorwa na New York kuri uno yahoze ari umukuru w’igihugu.

Mu ndwi iheze, umushikirizamanza w’i Manhattan yaragirije Trump magendo ku mafaranga yahaye icamamare mu mavidewo y’ibiteranoni (porno) kugira ngo amugumirize ibanga.

Umuvugizi akongera akaba n’umushingwamanza wa Cohen, Lanny Davis, yabwiye BBC ko yizeye neza ko uru rubanza ku mukiriya wiwe ataho ruzoshika.

Uru rubanza rwugurujwe na sentare y’igihugu ya Florida rwagiriza kandi Cohen ko yasohoye “amajambo atabereye, yo kwikunda kandi yo gucafuza uwahoze ari umukiriya wiwe, umuryango wiwe n’urudandaza rwiwe”.

Cohen yakoze nk’umushingwamanza wa Trump mu myaka irenga cumi. Yari kandi n’icegera c’umukuru w’ishirahamwe rya Trump, Trump Organization, akaba yari akunze gufatwa nk’umuntu yamutegurira ivya nkenerwa.

Hagati aho, aba bagabo babiri bagiye gucanamwo bikomeye inyuma y’amatora ya 2016, igihe abajejwe gukora amatohoza batanguriye gutohoza ku bafasha batari bake ba Trump.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu 2018, Cohen yaraciriwe umunyororo w’imyaka itatu n’ihadabu inyuma yo kwemera ivyaha vya magendo n’ihonyangwa ry’amategeko ajanye n’amafaranga akoreshwa mu kwiyamamaza.

Mu gihe ari hanze y’ibohero ubu, Cohen yabaye umuntu anegura cane Trump, nk’umutumire mu biganiro vya buri gihe.

Yaranditse igitabo anategura ububiko bw’amajwi ku mbuga ngurukanabumenyi (podcast), vyompi bikaba vyisungwa na Trump muri uru rubanza.

Ruvuga ko, mu gitabo ciwe Disloyal yanditse mu 2020, Cohen yarementanije ibiganiro yongera yagiriza Trump ko ari “umunyamacakubiri ashingiye ku rukoba”.

Mw’itangazo yahaye BBC, umushingwamanza wa Cohen, Davis, avuga ati: "Trump asa n’uwusubiriye gukoresha nabi ubutungane nk’inzira yo gutoteza no gutera ubwoba Michael Cohen.

"Bisa n’uko yatewe ubwoba n’imanza zimuhanze none ariko agerageza kurungikira ubutumwa ibindi vyabona biriko bikorana n’abashikirizamanza mu kumwagiriza”.

Abashikirizamanza ba New York bagiriza Trump ivyaha 34 bijanye no gufutanganya inyandiko zijanye n’urucuruza rwiwe, ivyo bavuga ko kwari ukurondera guhishahisha amafaranga yahaye icamamare mu ma videwo y’ibiterasoni, Stormy Daniels, nk’igipfukamunwa kugira ntahave amumenera ibanga ku bijanye n’imigenderanire bagiriraniye.

Ku 04 Ndamukiza (4), Trump yararengutse imbere ya sentare mpanavyaha ya Manhattan – akaba ari we muntu wa mbere yahoze ari umukuru w’igihugu arengukishijwe muri sentare yagirizwa ivyaha. Avuga ko yera.

Cohen aremera ko nk’uwahora ategurira Trump ivya nkenerwa, yafashije mu guha Daniels 130.000 y’amadorari y’Amerika.

Igihe itariki yo kurenguka kwa Trump imbere ya sentare yari yegereje, Cohen yarabonetse akatari gake mu biganiro mu binyamakuru bikomeye anegura uwahoze ari umukoresha wiwe.