Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika yafatiye ibihano abategetsi bakuru ba Mali kubera imigenderanire bafitaniye na Wagner
Reta zunze Ubumwe za Amerika (USA) zamenyesheje ko zafatiye ibihano abategetsi batatu ba Mali bo mu rwego rwo hejuru basa n'abafasha ikwiragizwa ry'umugwi witwara gisirikare wa Wagner muri ico gihugu co mu burengero bwa Afrika.
Abafatiwe ibihano ni umushikiranganji wo kwivuna abansi, uwutwara ingabo zigwanira mu kirere n'icegera c'umukuru w'ingabo nk'uko bivugwa n'umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire, Anthony Blinken.
Avuga ko igitigiri c'abasivile bapfa ubu ciyongereye incuro zitatu kuva abagwanyi ba Wagner bashitse muri Mali mu kwezi kwa Kigarama (12) mu 2021, yongerako ko "benshi muri abo bapfa bazira ibikorwa vya gisirikare bikorwa n'ingabo za Mali ziri kumwe n'abagize umugwi wa Wagner".
Amerika n'incuti zayo bamaze imyaka n'iyindi bafatira ibihano umugwi wa Wagner, bagiriza uwo mugwi witwara gisirikare kubangamira uburenganzira bw'abantu no gukwiragiza amakuru y'ibinyoma. Mu kwezi kwa mbere, Amerika yise Wagner "ishirahamwe ry'abicanyi rikorera hirya no hino kw'isi".
Mu ndwi iheze, Ubwongereza bwarafatiye ibihano abantu 13 bafitaniye ubucuti na Wagner mu gihugu ca Centrafrique, Mali na Sudan.
Kuva abasirikare b'Ubufaransa bavuye muri Mali mu kwezi kw'umunani guheze n'isabwa ko ingabo za Onu zikura ikirenge muri ico gihugu, abasirikare bari ku butegetsi, babushitseko mu kwezi kwa gatanu mu 2021, bagiye biyegereza cane Wagner.
Vyibazwa ko Wagner ifise abasirikare 1.000 mu bihugu biri mu karere ka Sahara habera intambara y'abiyitirira idini rya Islam n'iza politike haraciye imyaka itari mike.