Agathon Rwasa yareze leta y'u Burundi muri sentare ya EAC
Yatangajwe
Amakuru aturuka muri sentare ya Afrika y'ubuseruko EALA, avuga ko sentare y'intago y'uwo muryango, yakiriye ikirego catanzwe n'umugambwe CNL utavuga rume na leta y'u Burundi.
Ico kirego cerekeye amatora aheruka kuba yemeje abashingamateka bazoserukira u Burundi mu nama nshingamateka ya EALA.
Umugambwe CNL waramaze gutangaza ko utemera ukuntu ayo matora yagenze.
Mu kiganiro twagiranye n'umuyobozi wa CNL, Agathon Rwasa, Florentine Kwizera yabanje kumubaza niba ikirego cabo carakiriwe.

Ahavuye isanamu, CNLBurundi







