Imvo n’imvano ku ntambara yo gusubiranamwo hagati muri Wazalendo

Insiguro y'amajwi, Imvo n’imvano ku ntambara yo gusubiranamwo hagati ya Wazalendo
Imvo n’imvano ku ntambara yo gusubiranamwo hagati muri Wazalendo
Yatangajwe

Mu kiganiro c’uyu musi tubashikana muri Republika ya Demokrasi ya Congo, mu ntara ya Kivu ya ruguru ahamaze imisi hari intambara yo gusubiranamwo hagati y’imirwi y’abagwanyi yitwa Wazalendo, basanzwe bazwi nk’abashigikiye Reta ya Congo mu ntambara ibahuza n’umuhari wa M23.

Bose baranagirizanya gukorana na reta y’Urwanda isanzwe ivugwa ko ifasha umutwe wa M23 n’aho ico gihugu co kibihakana.

Kuva bavuye mu biganiro vya nyuma vyabereye i Nairobi vyashinze ihagarikwa ry’intambara, iyo mihari kandi iragirizanya gushaka kwiyagurira uturere. Harazamwo n’ikibazo c’amatongo.

Ubu haraciye ikiringo kirenga ukwezi iyo migwi iriko iratana mu mitwe mu karere ka Masisi, abantu bataramenyekana igitigiri biganjemwo abagore n’abana bakaba bamaze guhungira i Ruki hamwe n’i Goma.

Iyishamiranye gusumba iyindi akaba ari umuhari wa Mai Mai APCLS wiganjemwo ubwoko bw’abahunde ufashwe mu mugongo n’umuhari CMC, bariko baragwana na Nyatura FDDH yiganjemwo Abahutu ushigikiwe na Pareco.

Mu mpera z’indwi iheze intambara zarasutamye hagati y’iyo migwi muri groupement ya Nyamaboko ya mbere.

Inyeshamba

Ahavuye isanamu, AFP

None ko iyo mihari yose yiyitirira Wazalendo ivuga ko ishigikiye reta ya Kinshasa mu ntambara irimwo kurwana n'umuhari wa M23, hagati yayo yo ipfa iki? Ivuga iki ku kibazo co kwagirizanya gukorana na reta y’Urwanda isanzwe itarabana neza na reta ya Congo? Mbega iyo mihari yoba yarahagaritse kurwana n'umuhari wa M23? Abanyagihugu babayeho gute muri iyo ntambara?

Ibi ni bimwe mu bibazo tugiye guca hirya no hino muri kino kiganiro mwateguriwe kandi mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo. Ari kumwe na na Jules Mulumba arongoye umuhari CMC, Sendugu Museveni arongoye umuhari Pareco, hamwe kandi na Olivier Kanyejomba wo mw’ishirahamwe ata ho ryegamiye muri politique NSCC(Nouvelle Societe civile Congolaise) mu karere ka Masisi.