Jenoside -Rwanda: Sentare yahagaritse imburano vy’imfatakibanza

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA
- Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli
- Yatangajwe
Ejo ku wa gatanu, ku munsi ugira 14 w'urubanza rw'abagabo babiri b'Abanyarwanda Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa, urubanza rubera mu Bubiligi, Sentare yabandanije yumviriza ivyabona vyanyuma bivuye mu Rwanda.
Abumvirijwe bose ni abagore bari hagati y'imyaka 55 na 62, bose bakaba baje bagiriza abaregwa ko babiboneye bafata iya mbere mu kwica muri jenoside yo 1994 mu Rwanda.
Uwa mbere yumvirijwe ni isura yavuye mu Rwanda. Ni umugore w’imyaka 50 y’amavuko yavuze ko ari umudandaza. Uyu mugore avuga ko ari incuti y'umugore wa Séraphin Twahirwa, muvyarawe ba nyina bavukana, yanagendera cane iwe, akavuga rero ko amuzi neza.
Uyu mugore yemeje ko Séraphin Twahirwa, kugira arongore umugore wiwe yamufashe ku nguvu amutera inda, aca aramwihagira nk'umugore wiwe.
Avuga ko abaryango biwe bagize baravuga yaca abatera ubwoba ko yomwica, baca bararekerana “kuko yari atinyitse, abona kumurongora gurtyo kugahato”.
Yemeza ko naho yamurongoye bakavyarana abana batatu, nticabuza ko aryamana n'uwo ashaka kandi ku nguvu kuko atawubahuka gucira hasi kuko Twahirwa yica agakiza.
Uno mugore avuga ko mu 1993, muri segiteri ya Gikondo Interahamwe zakunda gukora ibitero mu ngo z’Abatutsi, Perezida wazo Twahirwa akaba ari we yazitegeka ico zikora.
Abajijwe kuri Basabose yavuze ko ata vyinshi amuziko uretse ko yumva bamuvuga nk’umwe mu barwizatunga bafasha Interahamwe.
Umugore w'imyaka 59 ni we yakurikiye mu kwumvirizwa, na we nyene akaba yemeza ko azi neza Séraphin Twahirwa kuko yamuhekuye mu 1994.
Avuga ko Interahamwe yari arongoye zamwiciye umugabo n'umwana muri jenoside abaziza ubwoko bwabo, aho yemeje atagushidikanya ko Séraphin Twahirwa yakoze jenoside. Avuga ko yamwiboneye, mbere aranadondagura amazina yabo yishe muri 1994.
Abajijwe kuri Basabose yavuze ko yari umugwizatunga yari anafise inzu ivunja amahera mvamakungu (bureau de change) kandi vyavugwa ko afasha Interahamwe, ko ari nawe yaziha uburyo bwo kwica. Hagati aho, ntiyasiguye bikwiye uruhara rwiwe muri jenoside, kuko yemeje ko ari ivyo yumva bivugwa ata vyemezo bigaragara abifitiye.
Haheraheje icabona c'umugore w'imyaka 62 nawe nyene yuhira ivy’abo babiri ba mbere bavuze. Aremeza ko Séraphin Twahirwa yakoze ubwicanyi, akavuga ko yamwiboneye agomorera interahamwe kumara abatutsi. Abajijwe kuri Basabose yavuze ko yamwumva bamuvuga nk’uwuha uburyo interahamwe.
Sentare yaciye ihagarika imburano, zikazosubira ku wa 06 Munyonyo (11) 2023, kubera yuko mu indwi iza sentare izoba iri mu karuhuko.
Bitegekanijwe ko Sentare izosubira gusasa yumviriza ivyabona bisigaye harimwo n'umugwi w'ivyabona ugira kabiri uzoba uvuye mu Rwanda.










