Ayavugwa muri Gaza: Hamas ivuga ko itarota irekura izindi mpfungwa Israel idahagaritse intambara

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Frank Gardner, umunyamakuru mu bijanye n'umutekano, na Christy Cooney
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Umuhari Hamas ugenzura Gaza wamirira kure icipfuzo co kurekura abandi banya-Israel yanyuruje gushika Israel yemeye “guhagarika burundu intambara”.
Israel ivuga ko imaze kwica abarwanyi barenga 2000 ba Hamas muri Gaza kuva inyuma y’agahengwe mu ntango z’uku kwezi igihe impfungwa zirenga 100 zarekurwa.
Abantu bababa 120 bafashwe bunyagano muri Israel ku wa 7 Gitugutu (10) ni bo bazwi ko bagipfungiwe muri Gaza.
Utwigoro mw’ishirahamwe ONU turabandanya kugira ngo bashike ku cemezo co guhagarika intambara.
Amerika ivuga ko igifise amakenga akomeye ku nteguro y’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi, mu gihe amatora yo kucemeza yungururijwe kuri uno wa gatanu.
Agahengwe kamaze indwi yose muri uku kwezi katumye imfashanyo zirushirizaho kwinjira muri Gaza, ONU ikagabisha ko abanyagihugu bari mu kaga ko guterwa na kigoyi mu gihe intambara hagati ya Israel na Hamas yobandanya.
Ibiganiro ku gahengwe gashasha birabandanya i Cairo mu Misiri, n’ubwo ivyo ku wa gatatu ataco vyashitseko.
Mw’itangazo, Hamas ivuga iti: "Hari ingingo ya Palestina ivuga ko ata bindi biganiro ikeneye ku bijanye no kurekura canke guhanahana impfungwa kiretse intambara ihagaze burundu".
Nta wuzi neza iyindi mihari y’Abanya-Palestina iri tangazo ryerekeye. Islamic Jihad, umurwi mutoya wo muri Gaza, ni umwe mu yindi mirwi izwi ko ifise mu minwe abanya-Israel bafashwe bunyagano.
Itangazo rya Hamas rishira reta ya Israel mu bihe bigoye cane.
Ivuga ko yibaza y’uko inzira nyayo yo kurekuza abanya-Israel banyurujwe ari ugusatira Hamas mu buryo bwa gisirikare no gutegura ibitero bidasanzwe vyo kubabohoza.
Ariko gushika ubu iyi nzira nta kintu irashikako. Impfungwa imwe gusa - Ori Megidish – ni yo imaze kubohozwa.
Reta kandi ibandanya iterwa igitsure n’imiryango y’abayo bakiri mu minwe y’abarwanyi ba Gaza, imwe ikayibwira ko iyi nzira y’igikenye ataco iriko irashikako.
Hamas ibandanya itera igitsure Israel ko yohagarika intambara burundu, ariko nta cemezo na kimwe c’uko uno muhari ushobora guhagarika ibikorwa vyawo vya gisirikare.
Ni co gituma reta ya Israel iri mu madidane menshi yo guhagarika intambara gushika aho izokwumva ko izoba yamaze amanyama umuhari Hamas, gushika ubu ikaba itarabishikako.
Iyi ni inkuru y’incamugongo ku banyagihugu ba Gaza banyotewe cane ko ino ntambara yohera.
Inkuru ya Israel ivuga ko imaze kwica abarwanyi 2000 ba Hamas muri Gaza muri uku kwezi ije umusi umwe inyuma y’aho ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas butangarije ko abantu bose bamaze kwicwa kuva ku wa 07 Gitugutu barenga 20.000, harimwo abana 8000 n’abagore 6200.
Igihe abarwanyi ba Hamas n’ab’imirwi icuditse nayo basenyura uruzitiro rurinzwe cane rugabura Gaza na Israel ku wa 07 Gitugutu, bishe abantu 1200.










