Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
"Ubugenzi bwacu ntibwatosekaye": Abaraperi bo muri Israel na Palestine bacunze ubumwe
Haraciye imyaka ibiri, uguhiga kwabo mu mudiho wa rap (rap battle) mu rurimi rw’Igiheburayo n’Icaraba kurabwe n’isinzi ry’abantu.
Uriya Rosenman ni umunye-Israel w’Umuyahudi w’umwigisha nayo Sameh Zakout ni umunye-Palestine wo muri Israel w’umuririmvyi akaba n’umukinyi wa film.
Ugukorana kwabo mu kizwi nka DUGRI kwifashika umuziki n’impanuro mu guhimiriza abantu kubana.
Abagenzi ba Uriya barishwe barananyuruzwa ku tariki 7 z’ukwa cumi, mu gihe Sameh yaburiye abo mu muryango wiwe mu bitero vyakurikiye i Gaza.
Ariko ivyo ntivyatosekaje ubugenzi bwabo, ahubwo bagahimiriza abandi guhindura ingendo muri iki gihe c’intambara ikaze agati ya Hamas n’igisirikare ca Israel.