Burundi: ukunda amamesa canke “amakoto”? Uko ahingurwa
Burundi: ukunda amamesa canke “amakoto”? Uko ahingurwa
Yatangajwe
Tubashikane mu Rumonge, mu amahinguriro akomeye agana amavuta y’amamesa, ‘amakoto’, n’amasabuni.
Amayengero y’ibigazi ni ubutunzi bukomeye ku-Burundi, amavuta anashorwa mu bihugu bibanyi, cane cane i Rwanda (iyo imbibe zuguruye).
Abashakashatsi muri ico gisata bavuga ko ibice 9 kuri 10 vy’amamesa aganirwa m’uduhinguriro two mu mihana.
Ariko, ni igisata kibangamiwe n’ibiza nk’imyuzure, n’ibura ry’igitoro.




