Video zarabwe cane mu 2024: #3 Uko igitero caturikije ibikoresho vy'itumanako vya Hezbollah cagenze

Insiguro ya video, Video yerekana uko igitero ku bikoresho vy'itumanako vya Hezbollah cagenze
Video zarabwe cane mu 2024: #3 Uko igitero caturikije ibikoresho vy'itumanako vya Hezbollah cagenze
Yatangajwe

Libani imenyesha ko umukobwa w’imyaka umunani n’umuhungu w’imyaka cumi n’umwe bari mu bantu 12 bapfuye igihe 'utwuma' ngendanwa tw’itumatumanako, dukoreshwa n’ishami rya gisirikare ry’umuhari Hezbollah, twaturika hirya no hino mu gihugu.

Isael ntaco iravuga ku vyegeranyo vyinshi vyemeza ko ikigo cayo c’ubutasi Mossad, cashize imitego y’ibiturika muri ivyo vyuma vy’itumanako.

Uwuserukira Iran muri Libani yari mu bandi 2800 bakomerekejwe n’ivyo bikoresho vy’itumanako vyaturikiye rimwe mu mugwa mukuru Beirut no mu zindi ntara zitandukanye.

Hezbollah, isanzwe ifashwe mu mugongo na Iran, yavuze ko ivyo bikoresho vyari ivyo abakozi bo muri uwo muhari no mu bisata bitandakanye, yemeza ko harimwo abarwanyi batari bake mu bapfuye.

Uwo mugwi wegeka kuri Israel ico gitero wise ‘ububisha bw’agasomborotso’ kandi uturitsa agatoke ko uzokwihora.

Igisirikare ca Israel cahakanye kugira ico kibivuze ko.