Kuki umuhari M23 uriko urarwana muri RD Congo?

Insiguro ya video, Kuki umuhari M23 uriko urarwana muri RD Congo?
Kuki umuhari M23 uriko urarwana muri RD Congo?
Yatangajwe

Bukebuke, intambara hagati ya M23 na FARDC n'abo bafashanya, zagiye zirafata iyindi ntera.

M23 ivuga ko igenzura igisagara cose ca Goma, igisagara gikuru mu ntara ya Kivu iri m'ubuseruko bwa DRC.

Intambara zirabandanya, abantu bicwa, abarokoka bagahunga ari ibihumbi.

Ariko inyuma y'izo ngwano, hari abibaza ko hinyegeje kurwanira ubutunzi bw'ubutare bw'ico gice ca Kongo.

Inyuma y'intambara za M23 na FARDC n'abo bafadikanije, hoba hinyegeje igenzura ry'ubutare.
Insiguro y'isanamu, Inyuma y'intambara za M23 na FARDC n'abo bafadikanije, hoba hinyegeje igenzura ry'ubutare.