Kenya: “Ndi umwirabure, umu pasitori…nkwegwa n’abo igitsina gabo”

Insiguro ya video, Umu LGBT, ubu yarahungutse muri Kenya, aho afise n’amabanga mu rushengero rwiwe.
Kenya: “Ndi umwirabure, umu pasitori…nkwegwa n’abo igitsina gabo”
Yatangajwe

Uno mu pasitori wo muri Kenya ashinga intahe uko yamenye ico ari kw’ishule, afise imyaka 15.

Umwigisha yabasiguriye ko abahuza ibitsina bisa bafise ‘satani’, bakwiye gusengerwa.

“Bwari ubwa mbere numvise insiguro ya kamere kanje, ndamaramara, ntangura gusenga ngo Imana ibinkize.”

Yarahavuye ‘arahunga’ igihugu…ariko ubu yaragarutse muri Kenya, aho afise n’amabanga mu rushengero rwiwe.

Kenya - LGBT: Ndi umu pasitori, nkwegwa n’abo igitsina gabo
Insiguro y'isanamu, Ndi umu pasitori, nkwegwa n’abo igitsina gabo