Kenya: itohoza ku bana bagikubitwa buyoka ku mashule
Kenya: itohoza ku bana bagikubitwa buyoka ku mashule
Yatangajwe
Mu myaka 5 iheze, abana 20 barapfuye ku nkurikizi zo gukubitwa ku mashule.
Ariko kuva mu 2001, leta ya Kenya yarabujije guhanisha inkoni abana, ku mashule.
Mw’iri tohoza, Tom Odula wa BBC Africa Eye, yerekana ayo mabi akorerwa abana, gushika aho hari ababa ibimuga, abandi bagahahamuka.
Imanza zirabandanya gukurikiranwa, aho bamwe mu bavugwako iryo toteza, bategekanirizwa gupfungwa ikiringo c’imyaka.




