Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igura n'igurishwa ry'abakinyi ku mugabane wa buraya 29.07.2022
Everton iriko iravugana na Paris St-Germain kugira igure umukinyi wo hagati wo muri Senegal Idrissa Gueye w'imyaka 32, bikaba vyitezwe ko ivyo biganiro bibandanya mu misi mike iri imbere. (Fabrizio Romano)
Nuno Tavares w'imyaka 22 arakorerwa ibipimo kuri uyu wa gatanu n'umugwi wa Marseille inyuma y'aho uwo mugwi wo mu Bufaransa ushitse ku masezerano yo kumutizwa na Arsenal. (Fabrizio Romano).
Marseille kandi yaratanguye ibiganiro vyo kuzana muri uwo mugwi umunye Chili Alexis Sanchez w'imyaka 33 ava muri Inter Milan. (L'Equipe)
West Ham irabandanya ibiganiro na Eintracht Frankfurt ku mukinyi wabo w'umunye Serbia Filip Kostic, 29, ashobora gukina inyuma mu bubamfu. (90 min)
Tottenham iriko iragerageza gutwara umukinyi w'imbere w'Ubutaliyano Nicolo Zaniolo, 23 akinira umugwi wa Roma, yaronderwa kandi na Juventus. (Tuttosport)
Barcelone ifise umugambi wo kugura umukinyi Sergio Reguilon, 25 wo mu mugwi wa Tottenham mu gihe batoshobora kugura umukinyi w'inyuma mu bubamfu wo muri Espagne Marcos Alonso, 31, ari muri Chelsea. (AS)
AC Milan yagiriraniye amasezerano na Charles de Ketelaereyahora ari mu mugwi wa Club Bruges, mu gihe uwo mukinyi w'umubiligi w'imyaka 21 yahora aronderwa kandi n'imigwi ya Leeds na Leicester. (90min)
Umugwi wa Palmeiras uramaze kwankira incuro zibiri zose umugwi wa Ajax kugura umukinyi w'umunye Brezil Giovani w'imyaka 18. Uwo mugwi wo muri Hollande ukaba umugwanira na Newcastle hamwe Bayern Leverkusen. (ESPN)
Umukinyi w'inyuma wa Newcastle United n'Ubwongereza Kieran Trippier, 31, avuga ko yari kwimukira mu mugwi wa Manchester United mw'ici riheze, imbere yo gufata ingingo yo kuva muri Atletico Madrid akerekeza muri muri Newcastle mu kwezi kwa mbere. (Mirror)
Umumenyereza wa Arsenal Mikel Arteta ntibagiye mu rukino rw'imbere y'uko ihiganwa nyezina ritangura rwabahuje na Brentford abikinyi Bernd Leno,30 wo mu Budagi ahamwe n'abanye Espagne Pablo Mari,28 na Hector Bellerin, 27. Aho ni mu gihe vyitezwe ko abo batatu bimukira mu yindi migwi muri iri ci. (The Mirror)
Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp yamiriye kure ibivugwa ko umukinyi w'imbere wa Brezil Roberto Firmino ashobora kuva muri uwo mugwi muri rino ci inyuma y'aho binuganugiwe ko uwo mukinyi w'imyaka 30 ashobora kuja mu migwi ya Juventus na Newcastle.
Tottenham iriteguye kugurisha umukinyi Giovani lo Celso igihe hotangwa imiliyoni 17 z'amapawundi muri iri ci. Aho ni mu gihe imigwiVillarreal na Fiorentina iriko irerekana ko ikeneye uwo munye Argentine w'imyaka 26. (Athletic - subscription required).
Manchester City yahaye uburenganzira umukinyi w'umwongereza w'imyaka 19, James McAtee bwo kwimukira mu wundi mugwi kw'ideni mu gihe imigwi ya Leeds United na Nottingham bivugwa ko imurondera.
Kubera kubura amahera, Leicester yatsinzwe na Naples mu rugamba rwo kugura umukinyi wa Korea y'Epfo Kim Min-jae w'imyaka 25 yahora akinira umugwi Fenerbahce. (Football Insider)
Umugwi wa Burnley uriko urarondera umukinyi wo hagati w'umunye Scotland Jack Hendry w'imyaka 27 akinira Club Bruges yo mu Bubiligi.