Umushikirizamanza adasanzwe Jack Smith ni we azohagarikira amatohoza ku vyaha vya Trump

Yatangajwe

By Max Matza

BBC News, Washington

Hagenywe umushikirizamanza yigenga wo mu bushikiranganji bw'ubutungane muri Amerika wo guhagarikira amatohoza ku vyaha vy'uwahoze ari prezida Donald Trump.

Jack Smith, yahoze ari umushikirizamanza ku vyaha vyo mu ntambara, yagenywe kuba umuhanuzi adasanzwe w'umushikirizamanza mukuru Merrick Garland mu kiganiro n'abamenyeshamakuru.

Azorongora amatohoza ku kungene Trump yakoresheje inyandiko z'ibanga n'uruhara rwiwe mu gitero co ku nyubakwa y'inama nshingamateka izwi kw'izina rya "Capotol"

Trump, asanzwe ariko aragirwako n'ayandi matohoza, arahakana ko yoba yarakoze ikintu gihanwa n'amategeko.

Smith ni we azofata ingingo ubwa nyuma nimba uwo yahoze ari umukuru w'igihugu wo mu mugambwe w'abarepublika, yamaze gutangaza ko azitoza mu kibanza ca prezida mu 2024 mu misi itatu iheze, ategerezwa kuja imbere y'ubutungane.

Ku musi wa gatanu, Garland yavuze ati:"Mu bihe bimwe bimwe bidasanzwe, ni ku neza y'abanyagihugu kugena umushikirizamanza adasanzwe wo guhagarikira amatohoza n'ikurikiranwa ata ho vyegamiye.

"Kubera ivyabaye muri iyi misi ya vuba, harimwo kuba uwahoze ari prezida yaratangaje ko azitoza mu matora yimirije, n'icipfuzo ca prezida ahari ubu c'uko na we nyene ashobora gusubira kwitoza, naciye mbona ko ari ku neza y'abanyagihugu."

Yavuze ko iyi ngingo izoha icizere abanyagihugu kuri ayo matohoza.

Mw'itangazo ryiwe ryo ku musi wa gatanu ari ku muhana iwe i Mar-a-Lago, Trump yariyamirije "ikoreshwa nabi ry'ubutegetsi" ry'ubushikiranganji bw'ubutungane "bwamunzwe na ruswa kandi bukora ku nyungu za politike" mu kugena umushikirizamanza adasanzwe wo mu mugambwe batavuga rumwe.

Smith yahoze ari umushikirizamanza i New York, mu misi ya vuba na ho akaba yahora ari umushikirizamanza mukuru i La Hague aho yakora amatohoza ku vyaha vyo mu ntambara muri Kosovo.

Agiye gusubira muri Amerika gutangura akazi kiwe vuba na bwangu nk'uko vyavuzwe na Garland. Mukwiyama hakiri kare abashobora kuvuga ko afise uruhande yegamiye, ubushikiranganji bw'ubutungane bwavuze ko Smith azwi nk'umuntu ata ho yegamiye muri politike.