Nibura abimukira 30 bashobora kuba bapfuye mu kaga kabaye mu mazinga ya Canary

Buri mwaka ibihumbi n'ibihumbi vy'abimukira bakora uru rugendo bava mu bihugu vya Afrika y'Uburengero  baja mu mazinga ya Canary

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Buri mwaka ibihumbi n'ibihumbi vy'abimukira bakora uru rugendo bava mu bihugu vya Afrika y'Uburengero baja mu mazinga ya Canary
    • Umwanditsi, Oliver Slow
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Abimukira barenga 30 basomye nturi inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiye mw’ibahari Atlantique hanze y’Amazinga ya Canary, nk’uko bivugwa n’abagiraneza.

Amashirahamwe Walking Borders na Alarm Phone avuga ko ubu bwato bwarimwo abantu bababa 60.

Abategetsi ba Espagne bavuga ko abajejwe ubutabazi batoye ikiziga c’umwana n’ikindi c’umugabo, banarokora abantu 24 – ariko ntibamenye igitigiri c’abari muri ubwo bwato.

Iri sanganya ritumye poritike ya Bulaya ijanye n’abimukira isubira kugirwako amakenga, inyuma y’aho ubwato bwibiriye mu ndwi iheze hanze y’umweha w’Ubugiriki.

Helena Maleno Garzon wo muri Walking Borders, avuga ko abantu 39 basomye nturi, harimwo abagore bane n’uruhinja, mu gihe Alarm Phone nayo ivuga ko abantu 35 babuzwe irengero. Aya mashirahamwe yompi agenzura amato atwara abimukira akakira amaterefone y’abantu baba bari mu mato canke imiryango yabo.

Ubu bwato bwibiriye ku birometero 160 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Gran Canaria kuri uno wa gatatu.

Garzon ati: "Ni iyica rubozo kubona abantu 60, harimwo abagore batandatu n’uruhinja, barindira ubutabazi mu kiringo c’amasaha arenga 12 bari mu bwato umwanya wose bushobora kwibira”.

Icomba (ubwato bunini) ca Espagne kijejwe ubutabazi, Guardamar Caliope, cari ahantu h’urugendo hafi rw’isaha kuva aho ubu bwato bwari ku wa kabiri, nk’uko bivugwa na Reuters, isubiramwo ikinyamakuru ca reta ya Espagne EFE.

Reuters yandika ko iki comba kitashoboye gutabara ubu bwato kubera ibikorwa vy’ubutabazi vyari vyafashwe mu minwe n’abategetsi ba Maroc, ari nabo barungitse ubwato bwa maneko ku wa gatatu mu gitondo, amasaha cumi inyuma y’aho indege ya Espagne ijejwe ubutabazi ibuboneye.

BBC yasavye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwa Maroc kugira bugire ico bushikirije, ariko nta nyishu iraronka.

Angel Victor Torres, arongoye akarere k’amazinga ya Canary, avuga ko iri sanganya ari “amahano”, aca asaba Ubumwe bwa Bulaya gushiraho poritike ijanye n’abimukira ishobora “gutanga ubutabazi mu buryo butunganijwe neza” kuri iki kibazo c’abimukira.

N’aho ari hanze y’umweha wa Afrika y’Uburengero, amazinga ya Canary yegukira Espagne, kandi abimukira benshi ba Afrika bava muri Afrika baja muri ayo mazinga barondera gushika ku butaka bw’Ubulaya.

Igicapo cerekana ahaherereye Amazinga ya Canary (Canary Islands)
Insiguro y'isanamu, Igicapo cerekana ahaherereye Amazinga ya Canary (Canary Islands)
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iyi nzira y’abimukira iva muri Afrika y’Uburengero igaca mw’ibahari Atlantique izwi ko ari imwe mu nzira zitikiriramwo abantu, aho nibura abimukira 543 bahapfiriye canke bakaburwa irengero mu 2022, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira (OIM/IOM).

OIM ivuga ko amato 45 yibiye ari muri iyo nzira muri ico gihe, ariko ikemera ko iki gitigiri “gishobora kuba ari gito” kubera ata biharuro bikunze kuboneka, n’ibiboneka navyo ugasanga ntibikwiye.

Abenshi mu bafata iyi nzira ni abava muri Maroc, Mali, Sénégal, Côte d'Ivoire n’utundi turere two muri Afrika yo musi y’ubugaragwa bwa Sahara, nk’uko OIM ibivuga.

Mu yandi makuru, abategetsi ba Espagne bavuga kandi ko barokoye abantu barenga 160 mu yandi mato atatu hafi y’amazinga ya Lanzarote na Gran Canaria mw’ijoro ryo ku wa gatatu no ku wa kane mu gitondo.

Aya makuru yaje inyuma y’aho ubwato bw’abimukira bwari butwaye abantu baharurwa mu majana bwibiye hanze y’umweha w’Ubugiriki mu ndwi iheze , aho nibura abantu 78 bazwi ko bapfuye, n’aho bivugwa ko hari benshi basomye nturi.

Ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu bivuga ko abantu bashika 500 bakibuzwe irengero, kandi BBC yaronse ivyemezo vyerekana amakenga ku bivugwa n’abajejwe gucungera imipaka b’Ubugiriki ku vyabaye. Aba bajejwe gucungera imipaka bavuga ko ubu bwato bwariko buja mu Butaliyano kandi ko ata butabazi bwari bukeneye.