Umugandakazi Julia Sebutinde yagenywe kuba icegera c'uwurongoye sentare mpuzamakungu

Ahavuye isanamu, CIJ_ICJ/X
Umucamanza Julia Sebutinde yamuka muri Uganda yatorewe kuba icegera c'uwurongoye sentare mpuzamakungu (ICJ) I La haye mu Buhollande.
Uwo mucamanza aherutse kutavugwako rumwe mu makungu, aho yanka kwemeza ko haba ingingo z'ikitaraganya zofatirwa Israel, zisabwe n'igihugu ca Afrika y'Epfo kubera intambara ibera muri Gaza.
Ni we mucamanza wenyene kuri 17 bagize ICJ batoye bahakana ingingo zose zitandatu zari zemejwe n'iyo sentare mu rubanza rwategeka Israel gufata ingingo zo kuzibira ibikorwa vya jenoside mu gihe iriko iragwana n'abagwanyi ba Hamas mu karere ka Gaza.
Sebutinde n'umwe mu bacamanza babiri bitandukanije n'abandi mu gihe 15 bemeje ingingo zihuta zose zerekeye ivyo igihugu ca Afrika y'Epfo casaba muri urwo rubanza.
Reta ya Uganda yaritandukanije n'iyo ngingo y'uwo mucamanza, ivuga ko ata ho bisa bisana n'aho ico gihugu co mu buseruko bwa Afrika gihagaze kuri iyo ntambara.
Yaranebaguwe cane ku mbuga hwaniro, aho bamwe bibaza kubera iki yahisemwo kudashigikira ivyo Afrika y'Epfo isaba.
Sentare yamenyesheje ku musi wa kabiri ko Sebutinde yatorewe kuba icegera c'uwurongoye iyo sentare mu kiringo c'imyaka itatu, mu cabonetse nk'amatora y'icizere bamufitiye.
Umucamanza w'umunye Liban Nawaf Salam na we yasubiriye Joan Donoghue mu kibanza ca prezida wa ICJ.
Sebutinde amaze imyaka irenga cumi muri ICJ. Yaraburanishije imanza nyinshi zavuzwe cane mu binyamakuru zijanye n'ivyaha vyo mu ntambara, nk'urwa Charles Taylor yahoze ari prezida wa Liberia.













