Ibikorwa vyo kurondera mu mva rusangi imibiri y'ababo baburiwe irengero i Gaza ntivyoroshe

- Umwanditsi, Na Fergal Keane
- Igikorwa, BBC News, Jerusalem
- Yatangajwe
Nyina wa muntu azorondera ahantu hose umwana wiwe yaburiwe irengero. Igihe cose azoba agifise inguvu, ntazoreka kumurondera.
Akiri muzima canke yarapfuye. Ivyo ntaco bitwaye.
Kareema Elras yari amaze imisi ine azunguruka mu nduru, mw'ivumbi n'umunuko mwinshi w'imva rusangi ziri ku bitaro vya Nasser.
Ni nyina wa Ahmed w'imyaka 21, yishwe ku wa 25 Nzero (1) mu gisagara ca Khan Younis kiri mu bumanuko bwo hagati bwa Gaza. Kuva ico gihe, ikiziga ciwe nticari bwaboneke.
Ku wa kabiri niho Kareema yagiye atora umuhungu wiwe.
Yavuze ati: "Buri gihe nama nza ngaha gushika uno munsi, ubu niho ngiye ntora ikiziga c'umuhungu wanje, umwana wanje Ahmed, ikibondo canje nakunda cane, urukundo rwa nyina. Yabuze se igihe yari afise imyaka 12, nca ndamurera ndi jenyene".
Iyidi miryango yari aho yaca ku nkikuro y'imva rusangi.
Uhari ubona ibintu biteye agahinda ariko bimenyerewe mu turere turimwo ingwano kw'isi.
Ubona za tingatinga zimba zirondera ibiziga vy'abapfuye. Abimba imva barerekana aho umuntu umwe umwe azohambwa. Imiryango y'abantu baburiwe irengero barizera ko bazotora ababo muri abo bapfuye.

Ahavuye isanamu, EPA
Ariko nubwo amasanamu yoba asa kw'isi yose, si ukuvuga ko afise insiguro imwe. Imva rusangi imwe imwe, yaba mu karere ka Balkan, Afrika yo hagati, iburasirazuba bwo hagati, canke ahandi hantu - ni ingaruka y'ingene isi yaho iteye.
Muri iyi ingwano bivugwa ko yahitanye ubuzima bw'abantu barenga 34.000 mu karere kugaranywe, guhamba abapfuye vyacitse igikorwa kigoye kandi kenshi giteje akaga .
Amatongo y'abapfuye amwe amwe yaruzuye. Ayandi aragoye gushikamwo kubera ingwano. Kubera ivyo vyose, abapfuye bahambwe ku mbuga z'ibitaro aho ingabo za Israel zivuga ko zarwaniye na Hamas.
Mu ngwano zimwe zimwe nanditseko inkuru, vyarashoboka kuvuga ningoga ico abagizweko ingaruka n'ingwano babaye. Ni kubera abashinzwe amatohoza yo kumenya icishe abantu bashitse aho vyabereye haciye akanya gato, mbere n'abanyamakuru barashobora kuza aho ingwano zariko zirabera.
Mu biriko biraba i Gaza - mu gihe Israel na Misiri banse kwakira abanyamakuru b'abanyamahanga, ingwano na zo zigateza akaga gakomeye ku mirwi y'abakora amatohoza - ni igikorwa kigoye cane kumenya ingene canke ryari abantu ibiziga vyabo vyakuwe mu mva mu bitaro vya Nasser no mu vya al-Shifa bapfuye.
Boba hoho bishwe n'ingabo za Israel nk'uko vyemezwa n'umuhari Hamas n'abakozi bo mu gisata c'ubutabazi?
Canke ayo majana y'abahambwe mu mva rusangi boba bishwe n'ibitero vy'indege n'ingwano zabera mu bitaro indani no hanze yavyo, co kimwe n'abandi bishwe n'ingwara no gufungura nabi bitewe n'ingwano? Mbega Abanyisiraheli boba barafashe ibiziga bakabivana mu mva bakavyimurira mu yindi nshasha?
Umuyobozi w'ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu mu turere twa Palestine, Ajith Sunghay, yambwiye ko hategerezwa kuba amatohoza yigenga kuri izo mva.
Ku wa kabiri, uwundi mutegetsi wo muri ONU yavuze ko basanze ibiziga bimwe bimwe vyari iboheye amaboko imugongo.
Ibi bije inyuma y'itangazo ryasohowe n'umutegetsi wo mu kigo Palestinian Civil Defence, ikigo kijejwe ubutabazi no gutororokanya ibiziga vy'abapfuye mu ntureka, rivuga ko basanze ibiziga bimwe biriko amapingu, ibindi bikaboneka ko ari ivy'abararashwe mu mitwe, n'abandi bambaye impuzu z'abanyororo.
Reem Zeidan yamaze amayinga abiri arondera ikiziga cc'umuhungu wiwe Nabil, kikaba catowe ku wa gatatu ku mugoroba.
Reem yavuze ko yabonye ibiziga bifise ibimenyetso vy'ihohoterwa, biriko amapingu. Yavuze ati:" Barishwe. Bamwe amaguru n'amaboko yabo yari abohewe hamwe kandi barishwe. Ibi bizobandanya gushika ryari?"
Nabajije Sunghay ko yoba yarabonye ibimenyetso bifatika ko ibiziga vy'abapfuye vyari biboshe amaboko.
Yishuye ati: "Nta bimenyetso ubu dufise, dufise amakuru. Kandi ayo makuru akenewe kwemezwa n'impande zitandukanye. Nico gituma kandi dukeneye amatohoza mpuzamakungu yigenga.
"Ico tudashobora kwemera, muri iki gihe twabonye ibintu vyinshi vy'ihonyangwa rikomeye ry'agateka ka zina muntu muri Gaza, kandi vyinshi muri vyo bishobora kuba ivyaha vyo mu ntambara, kandi aho twagabishije ko hashobora kuba harabaye ivyaha vy'ubugizi bwa nabi, vyahindutse iyindi ngorane. Urugero rw'ihohoterwa rwabaye runini cane".
Sunghay yavuze ko afise imirwi yiteguye kuja muri Gaza mu gihe yohabwa uruhusha na Israel no kwinjira mu mutekano.
Israel irahakana ibiyivugwako ko yahamvye abantu mu bitaro.
Mw'itangazo, igisirikare ca Israel (IDF) kivuga kiti: "Ibivugwa ko IDF yahamvye ibiziga vy'Abanyapalestine nta shingiro kandi nta n'icemezo bifise".
IDF ivuga kandi ko ibiziga vyazuwe bigasuzumwa kugira ngo barabe niba hatoba harimwo za mpfungwa zafatwa mpiri na Hamas zigatwarwa i Gaza mu gitero yakoze kuri Israel ku wa 7 Gitugutu (10) umwaka uheze.
Itangazo rivuga riti: "Isuzumwa ryarabaye mu buryo bwitondewe kandi mu bibanza igisata c'igendereza cerekanye ko hari hapfungiwe abatwaye bunyagano. Isuzumwa ryakozwe mu cubahiro mu ntumbero yo kwubahiriza agateka k'uwapfuye."
Igikorwa co kugerageza kumenya umwidondoro w'abapfuye no kubahambana iteka kizobandanya mu minsi izokurikira.

Somaya al-Shourbagy yaratoye ikiziga c'umugabo wiwe Osama mu bitaro vya Nasser, aranashobora kumushikana mw'itongo ry'abapfuye kugira amuhambe hampande y'abandi baryango bapfuye.
Ari kumwe n'umwana wabo Hind, yarapfukamye ku mva yari ikiri nshasha.
Somaya yavuze ati: "Umukobwa wanje muto yaransavye kuja kuraba imva ya se, sinashobora kumubwira ko nitwamuhamba tuzoca tuja kumuraba. Imana ishimwe. Ibintu bimeze nabi, ariko turashobora kwiruhutsa gato inyuma yo kumupfuba."
Naho Hind akiri muto, afise hafi imyaka 5, aribuka se mu bwenge bw'umwana nyene, avuga ati: "Yarankunda, akanangurira utuntu twanje, akanansohokana".












