Umugabo yituririye hafi y'aho Trump ariko araburanira yapfuye

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugabo yituririye hanze ya sentare ya Manhattan aho uwahoze ari umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump ari mu rubanza rw'amafaranga y'igifukamunwa yapfuye.
Maxwell Azzarello w'imyaka 37 yisutseko ibintu vy'amazimazi imbere y'uko anuga mu kirere ivyapa vy'inyandiko z'uko hari abintu biriko birakorwa mu mpisho.
Vyashitse haheze igikorwa co gutora abantu bazosasa mu rubanza rwa Trump.
Yarajanywe mu bitaro ku wa gatanu ababaye cane, mu nyuma aca arapfa, nk'uko vyemejwe na CBS News - ikigo c'amakuru co muri Amerika gikorana na BBC.
Trump yari muri iyo nyubakwa gukurikirana ingene abazosasa mu rubanza rwiwe batorwa, ariko uwo yahoze ari umukuru w'igihugu yahavuye ivyo biriko biraba.
Igiporisi c'igisagara ca New York cavuze ku wa gatandatu ko Azzarello vyatangajwe n'abakozi b'ibitaro ko yapfuye, ku bwa NBC.
Umutekano wa sentare ntiwahungabanijwe n'ivyo vyashitse ku wa gatanu, nk'uko abajejwe ivyihuta babivuga. Urubanza rwa Trump rwari ruhejeje intambwe yo gutora abazorusasamwo rwaciye rubandanya ku muhingamo.
Amajambo y'intangamarara y'urubanza nyezina azotangura ku wa mbere.
Maxwell Azzarello, w'imyaka 37, yari yaje ku ndwi iheze ava muri Floirida aho asanzwe aba. Nta kahise k'ivyaha yari afise i New York, kandi umuryango wiwe ntiwari uzi ko yafashe urugendo rwo kuja muri ico gisagara.
Umukuru w'igiporisi ca New York Jeffrey Maddreyb yavuze ko Azzarello yabonywe ''akwega ibirenge atava aho ari '' muri park imbere y'uko akora mu mufuko agakurayo ikintu c'amazimazi yaka umuriro ningoga iyo bayadometse hamwe n'ivyapa.
Haciye haza abaporisi ku bwinshi hanze y'iyo sentare kubera urubanza rwariko rurahabera, bamwe muri bo biruka kurondera ivyo kuzimya umuriro. Azzarello yahavuye ajanwa ku nderuzo, umubiri wiwe wahiye cane. Igiporisi kivuga ko yajanywe ku bitaro bivura ubushe amerewe nabi cane.
Abakora amatohoza mu giporisi ca New York mu nyuma babonywe bariko baregeranya ivyapa Azarrello yari yasanzaje imbere y'uko yiturira. Ubu bavuga ko ako karere gatekanye.
Abakora amatohoza baracariko barabaza ababibonye kandi bavuga ko asa n'uko ataco yariko aravuga imbere y'uko yidomeka.













