Cory Booker yaciye umuhigo w'ijambo rirerire mu nama nkenguzamateka, amasaha arenga 25

Cory Booker yashatse kudindiza ibikorwa vy'inama nkenguzamateka mu kwiyamiriza poritike ya Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Cory Booker yashatse kudindiza ibikorwa vy'inama nkenguzamateka mu kwiyamiriza poritike ya Trump
    • Umwanditsi, Ali Abbas Ahmadi
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Umukenguzamateka Cory Booker wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaciye umuhigo mu gushikiriza ijambo rya mbere rirerire mu nama nkenguzamateka y'ico gihugu.

Iri jambo ry'akataraboneka ry'uno mukenguzamateka w'Umudemokarate wo mu ntara ya New Jersey, mu buryo bwo kwiyamiriza Perezida Donald Trump, aho yagabishije ko igihugu "kigeramiwe kandi kiri mu bihe bitoroshe" kuva cabaho, ryarangiye inyuma y'amasaha 25 n'iminota ine.

Nubwo ritari ijambo yashikiriza nk'amayeri yo kudindiza ibikorwa – amajambo nk'aya akaba akunze gushikirizwa mu ntumbero yo kuzibira iyemezwa ry'integuro y'itegeko – ryaradindije ibikorwa muri iyi nama nkenguzamateka yiganziwe n'Abarepubulikani.

Amategeko ngengarugo y'inama nkenguzamateka ategeka ko kugira ngo umuntu yemererwe guhabwa akaryo nk'aka ko gushikiriza ijambo nk'iri ari uko ategerezwa kuguma ahagaze kandi ntafate n'akaruhuko ko kwihagarika.

Uwaheruka ikintu nk'iki yari umukenguzamateka w'Umurepubulikani Strom Thurmond mu 1957 ico gihe akaba yari akiri Umudemokarate, yavuze amasaha 24 n'iminota 18 mu kwiyamiriza itegeko bwirizwa ryakuraho ivangura.

Igihe yafata ijambo, hari hafi nk'isaha imwe z'umugoroba (19:00) mu masaha ya Washington, Booker yatanguye avuga ko yategerezwa gufata umwanya wose ushoboka umubiri umukundiye kugira ngo ashikirize ijambo ryiwe. Yagiye kurangiza isaha zibiri n'iminota 6 z'ijoro (20:06) ku wa kabiri.

Uno mugabo w'imyaka 55, aza ubwa kane mu mugambwe w'Abademokarate mu nama nkenguzamateka, yakwije uno mwanya wose mu kugenda asoma amakete yava mu turere tw'amatora, abayarungitse bavuga ko bakomerekejwe n'ingingo z'ubutegetsi bwa Trump.

Uno yigeze kurondera kwiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu yaramaze kandi umwanya avuga ibijanye n'inkino, asubiramwo ivyese yongera yishura n'ibibazo vyabazwa na bagenziwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Booker, Umunyamerika yamuka muri Afrika, yaravuze amamuko yiwe nk'uwukomoka ku bacakara n'abakoresha abacakara.

"Ndi hano kubera ko, nubwo yari afise ububasha, abantu ni bo bafise ububasha gusumba", niko yavuze, ashaka kuvuga kuri iryo jambo rirerire ryashikirijwe n'umunyamacakubiri Thurmond, haraciye imyaka 68.

Igihe yashika ku muzoso, yarangije avuga ko yari agiye "kwitwararika bimwe mu vyo umubiri uriko uransaba".

Mu kuruhuka muri iryo jambo ryiwe, yarashobora gucishamwo akakira ibibazo vya bagenziwe, harimwo n'umukuru w'inkehwa mu nama nkenguzamateka Chuck Schumer wa New York, umukenguzamateka Dick Durbin wa Illinois hamwe n'umukenguzamateka Kirsten Gillibrand wa New York.

Umugambwe w'Abademokarate, ubu ata butegetsi ufise haba muri Maison Blanche/White House, mu nama nkenguzamateka canke mu nama nshingamateka, warashigikiye cane iki gikorwa kidasanzwe ca Brook co kwerekana akababaro.

Ijambo rya Booker ni ryo rya mbere kandi mu nama nkenguzamateka kuva ku ryaheruka mu 2013 ry'umukenguzamateka Ted Cruz wo mu ntara ya Texas ryo kwiyamiriza umugambi wiswe Obamacare.

Cruz yabwiye CBS, ikinyamakuru gikorana na BBC muri Amerika, ko ijambo nk'iri ryo kuzibira integuro y'itegeko, ikizwi nka filibuster, risaba inguvu zidasanzwe.

Igihe yashikiriza iryo jambo ryiwe ryo kwerekana akababaro kiwe, yambaye ibirato bimeze neza, agerageza kunywa amazi make ashoboka – umukenyuro yise "nta cinjira, nta gisohoka".