Biden yababariye umuhungu wiwe Hunter 'ata kirinze gusabwa'

Joe na Hunter Biden

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Sofia Ferreira Santos
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Perezida Joe Biden yahaye imbabazi umuhungu wiwe Hunter, mu rubanza rw'ivyaha bibiri yagirizwa, nubwo imbere y'aha yari yavuze ko ata mugambi yari afise.

Mw'itangazo, umukuru w'igihugu avuga ko umuhungu wiwe "yiziziwe", akavuga ko uru rubanza ari "ugukoreshwa nabi kw'ubutungane".

Mu ntango z'ukwezi Nyakanga(9), Hunter Biden yaremeye icaha yagirizwa co kudatanga ikori, yongera yagirwa n'icaha co gukoresha ibiyayuramutwe mu buryo butemewe n'amategeko asanzwe atunze inkoho - aba abaye umwana wa mbere w'umukuru w'igihugu akiri ku butegetsi yagiriwe n'icaha.

Mu kwishura kuri iki kigongwe, Donald Trump aherutse gutorwa nk'umukuru w'igihugu agira ati: "Izi mbabazi Joe yahaye Hunter zoba zirimwo n'abanyurujwe [ ku wa 6 Nzero (1)], ubu bamaze imyaka bafunzwe? Uko n'ugukoresha nabi ubutungane!"

Trump yariko avuga abanywanyi biwe bateye ingoro y'amakoraniro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka ku wa 6 Nzero 2021 bashaka guhinduza ivyari vyavuye mu matora ya 2020 Trump yari yatsinzwemwo.

Izi mbabazi Joe Biden ahaye umuhungu wiwe ata kirinze gusabwa zije inyuma y'aho umukuru w'igihuu avugiye akatari gake ko ata kigongwe yari kumuha.

Hari haciye amezi make gusa, kuva mu kw'icenda, Karine Jean-Pierre ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika) avuze ko Perezida Biden ata kigongwe yari guha umuhungu wiwe.

Mu kwezi guheze yarabisubiyemwo mu kindi kiganiro yatanze, aho yavuze ati: "Tumaze kubazwa iki kibazo incuro nyinshi. Inyishu ntihinduka, ni oya".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Imbere y'aha, mu kwa gatandatu, igihe yari mu nama y'umurwi w'ibihugu indwi bitunze kurusha ibindi (G7), Biden yavuze ko atari kubabarira umuhungu wiwe, kandi ko atari no guhindura urubanza azoba yaciriwe.

Yabwiye abanyamakuru bariko barakurikirana iyo nama ati: "Naravuze ko nzoshira aho intahe izoshira, kandi ni vyo nzokora. Kandi sinzomubabarira".

Ariko ku mugoroba w'ejo ku wa Mungu, Perezida Biden yavuze ko n'ubwo yizigiye ubutungane, "poritike yarinjiriye uru rubanza kandi vyatumye rucibwa nabi".

Ati: "Kuva nshitse ku butegetsi, naravuze ko ntazokwinjirira igisata c'Ubutungane mu vyemezo gifata, kandi narubahirije ivyo niyemeje n'ubwo nabona ingene umuhungu wanje yariko aracirirwa urubanza mu buryo bwo kumwizizira, kandi buhengamye".

Biden avuga ko bitamworoheye gufata iyi ngingo, aca yongerako ati: "Maze gufata iyi ngingo, ntivyari bikenewe ko nta umwanya kuri yo".

Ati: "Nizeye ko Abanyamerika bazotahura igituma se wa muntu akongera akaba n'umukuru w'igihugu ashobora gufata iyi ngingo".

Iri tangazo ryasohotse inyuma y'uko umukuru w'igihugu akoranije umuryango mu mpera z'indwi iheze mu birori vyo gushima i Nantucket. Abanyamakuru bararabutswe Perezida Biden ariko aratemberana na Hunter n'umuhungu wiwe Beau w'imyaka ine, hamwe n'umukobwa wa Biden, Ashley, hari ku wa gatanu.

Abategetsi bakuru b'umugambwe w'Abarepubulika bararakajwe n'iyi nkuru y'imbabazi, aho umukuru w'umurwi w'inama nshingamateka ujejwe gukurikirana ibikorwa vya Maison Blanche, James Comer, yavuze ko umukuru w'igihugu "yabeshe kuva ku ntango gushika kw'iherezo" ku bijanye n'urubanza rw'umuhungu wiwe.

Ariko hari n'ibimenyetso vyerekana ko no mu ba Demokarate batavyakirije yompi. Umushingamateka Greg Stanton wo mu ntara ya Arizona ni we yabaye umunyaporitike wa mbere yiyamirije ku mugaragaro iyi ngingo, aho yavuze kuri X ati: "Ndubaha Perezida Biden, ariko nibaza ko hano yahihendeye".

Mw'itangazo, Hunter Biden avuga ko amakosa yakoze mu misi mibi y'aho yafata ibiyayuramutwe "yakoreshejwe ku mugaragaro mu guteza isoni n'urubwa" umuryango wiwe mu mukino wa poritike.

Uno muhungu wa Perezida Biden w'imyaka 54 agira ati: "Sinzokwigera mfata nk'ikintu gisanzwe imbabazi mpawe uno musi kandi nzokoresha ubuzima nasubiye kwubaka mu gufasha abakirwaye n'abakibabaye".

Hunter Biden yaritwaye neza kuva mu myaka itanu n'igice iheze, nk'uko se wiwe abivuga.

Si bwo bwa mbere umukuru w'igihugu wa Amerika ababariye uwo mu muryango wiwe.

Bill Clinton yarababariye mwenewabo, Roger Clinton, ku caha yari yakoze mu 1985 kijanye na kokayine (cocaine), hari mu 2001.

Mu 2020, Donald Trump yarababariye Charles Kushner, sebukwe w'umukobwa wiwe Ivanka. Trump aherutse gutangaza ko Kushner ari we azoserukira Amerika mu Bufaransa.

Mu kw'icenda, Hunter Biden yaremeye ivyaha icenda bijanye no kutariha amakori, ivyaha vyomutaye mu munyororo wo gushika ku myaka 17.

Yaragiriwe kandi n'ivyaha bitatu bijanye no kugura inkoho mu kwa gatandatu, vyashobora gutuma apfungwa imyaka ishika 25.

Vyari bitegekanijwe ko asomerwa ibi bihano ku wa 12 na 16 Kigarama (12).

Izi manza ziwe zarateje umwijima mu myiyamamazo ya se wiwe mu matora y'umukuru w'igihugu, imbere y'uko akuramwo akarenge mu kw'indwi.

Biden yaremeye gushigikira icegera ciwe Kamala Harris kugira ngo amusubirire mu matora y'umukuru w'igihugu kw'izina ry'aba-Demokarate, ariko akaba yaratsinzwe n'Umurepubulikani Donald Trump muri Munyonyo.

Trump yiteze kubisanya na Biden muri Maison Blanche ku wa 20 Nzero (1) 2025 - umusi w'irahira ryiwe.