Guinea: uko urukino rw’umupira rwavuyemwo impfu
Guinea: uko urukino rw’umupira rwavuyemwo impfu
Yatangajwe
N’imiburiburi abantu 56 nibo bamaze kumenyekana bapfiriye mu kaguma kadutse mu kibuga c’I Nzérékoré.
Ku ngingo y’umusifuzi, akaguma karadutse, abantu bapfa mu misunikano, bamwe bagerageza guhunga, mu kibuga gifise iremba rimwe gusa.
Kubera imishamirano, igipolisi caje n’ivyuka vyokera, ivyatumye ubwoba bwiyongera.
Mu gihugu, abantu bavuga ko abapfuye barenga ico gitigiri, kuko n’ibitaro vyararengewe.
Ng’izi intahe za Paul Sakouvogi, umumenyeshamakuru yari hafi.




