N'imiburiburi 37 barapfuye, abandi amajana barimurwa inyuma y'igitero cagabwe ku bubiko bw'ibirwanisho i Kyiv

    • Umwanditsi, Dan Johnson
    • Yakoze inkuru ari, Myla
    • Umwanditsi, Rorey Bosotti
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abantu 37 barapfuye, abandi hafi 400 barimurwa inyuma y'igitero c'ama 'drones' Uburusiya bwagavye ku bubiko bw'ibirwanisho vy'ingabo za Ukraine, buri hafi y'ahaba abantu ku nkengera z'umurwa mukuru Kyiv.

Perezida Volodymyr Zelensky yavuze ko ico gitero catumye ibisasu, ama 'mine' n'indege zitajamwo abadereva biturika ku mugoroba wo ku wa gatanu, bituma amazu n'ibindi bibanza vyari hafi yaho vyononekara, harimwo n'ikigo kibungabunga abageze mu zabukuru n'abafise ubumuga.

Yavuze ko ivyo birwanisho "bitari bikwiye kuba bishinguwe aho hantu", aca amenyesha ko hatangujwe amatohoza ku "gufata ibintu minenerwe gukomeye kw'ababitse ibiturika hafi cane y'abanyagihugu."

Ico gitero ni ica kabiri kibaye ku bubiko bw'amasasu n'ibindi birwanisho buri hafi ya Kyiv mu mezi ya vuba, bikaba vyasubiriye gutera ishavu n'umwitwarariko.

Abana bane bari mu bantu 42 bakomeretse mu guturika kwabaye mw'ijoro ryo ku wa gatanu, nk'uko vyatangajwe n'umukuru w'intara Tymur Tkachenko. Ku wa gatandatu, ibikorwa vyo gutabara no kurondera abarokotse vyari bikibandanya mu kibanza vyabereyemwo, mu karere ka Bucha.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya, mw'itangazo bwasohoye, bwavuze ko ingabo zabwo zari zateye "ububiko bw'amasasu n'ibindi birwanisho" i Myla, ikirwati kiri mu burengero bw'umurwa mukuru wa Ukraine, bwabikwamwo "ibice bigize indege zitajamwo abadereva zigera kure zo mu bwoko bwa FP-1/FP-2 hamwe n'ibikoresho bizifasha guhaguruka."

Ukwo guturika kwarononye amazu 130 muri ico kirwati.

Liubov Pavlenko, umunyagihugu waho w'imyaka 45, yabwiye BBC ariko aragenzura inzu yiwe iri nko ku metero 200 uvuye ku bubiko bw'ibirwanisho bwatewe ati: "Vyose vyarononekaye burundu."

Yongeyeko ati: "Hari imigaga ku gace kose k'inzu, harimwo n'impande y'amadirisha. Muri make, inyubakwa yarononekaye ku buryo itagihagaze neza."

Ati: "Niyumva nk'uwutazi neza ibiriko biraba. Sinzi… ejo niyo ubwenge bwasubira ku gihe, birashoboka ko nzogira agahinda gakomeye kuruta."

Zelensky yavuze ko ingingo yo kubika ibiturika muri ico kirwati "itemewe na gato", yongerako ati: "Hatangujwe amatohoza y'ivyaha ku caha co kwirengagiza amabanga y'akazi."

Mu Burusiya, abategetsi bavuze ko abantu babiri bishwe, abandi 25 barakomereka mu bitero vyakubise mu turere twa Belgorod na Rostov mu masaha 24 aheze.

Buramatari w'intara ya Zaporizhzhia yo muri Ukraine yigaruriwe n'Uburusiya, yashizweho na Moscou, yavuze ko abantu bane bakomeretse inyuma y'igitero Ukraine yagavye ku kigo c'ubudandaji.

Isosiyete yo mu Burusiya igurisha ibidandazwa kuri internet, Ozon, yavuze ko kimwe mu bigo vyayo bibika bikanatwara ibidandazwa cagabweko igitero c'indege zitajamwo abadereva za Ukraine mw'ijoro. Yavuze kandi ko yahagaritse ibikorwa ku kigo ca kabiri co gutwara no kubika ibidandazwa, yongera irimura abakozi "kubera akaga kari muri ako karere."

Ibigo vy'iyo sosiyete biri mu turere twa Krasnodar, Dagestan, Stavropol na Adygea vyari vyagabweko n'ibindi bitero mu ntango z'iyi ndwi, bituma abantu batari bake bakomereka hongera hononekara vyinshi.