Israel- Hamas: Ingabo zirwanira ku butaka zinjiye muri Gaza – umuvugizi wa IDF

imodoka z'intambara

Ahavuye isanamu, Epa

Yatangajwe

Mw’ijambo ahejeje gushikiriza, umuvugizi w’igisirikare ca Israel Daniel Hagari avuga ko igisirikare ca Israel kiriko “kirarwana n’umwansi afise intege nke cane”.

Hagari yemeje ko ingabo zinjiye mu buraruko bwa Gaza mw’ijoro ryakeye, anavuga ko abasirikare “bakiri ku rubuga”.

Igisirikare ca Israel casohoye videwo kivuga ko ari iyerekana ingabo zirwanira ku butaka ziri muri Gaza. BBC iracagerageza guhinyuza iyo videwo.

Muri iri jambo rishikirijwe na Hagari mu Gihebureyi/mu Giheburayo, yavuze kandi ko intwazangabo za Hamas zitari nke zishwe muri iri joro ryakeye.

Yemeje kandi ko ingabo za Israel zimaze gupfa kuva Hamas itanguye igitero cayo ku wa 07 Gitugutu (10) zigera ku 311. Yemeje kandi ko abantu 229 banyurujwe muri ico gitero bagupfungiwe muri Gaza.

Imbere y’aha, ishami rya gisirikare rya Hamas, Al Qassam Brigades, ryari ryatangaje ko rihanganye n’ingabo za Israel zirwanira ku butaka zinjiye mu gace ko mu buraruko bwa Gaza.

Itangazo rya Hamas rivuga ko “intambara zikaze” zariko zibera ku butaka hafi y’akarere ka Beit Hanoun mu buraruko bwa Gaza, hamwe na Bureij kari hagati.

Nayo ikinyamakuru New York Times co muri Amerika cari cavuganye n’umwe mu bavugizi b’igisirikare ca Israel mw’ijoro ryakeye aho yemeje ko hari ingabo zari zinjiye ku butaka bwa Gaza, ariko akaba atavuze nimba ari intango ya ca gitero rurangiza co ku butaka kimaze igihe kirindiriwe.

"Ingabo zacu n’ibimodoka vy’intambara vyacu biri hagati muri Gaza. Bariko bararwana”, niko Majoro Nir Dinar yabwiye iki kinyamakuru, aho yongerako ati: “Ariko n’ejo ingabo zacu n’imodoka z’intambara niyo vyari n’ejo".

Intego ni iyo gutahana abanyurijwe mu gihugu

Avuga ku ntego y’igisirikare ca Israel, yavuze ko IDF (igisirikare ca Israel) "izobandanya ikora uko ishoboye kwose mu kubungabunga umutekano w’ingabo zacu, mu gukoresha inguvu zikomeye zo mu kirere, ariko iyi ni intambara”.

"Turiko turakora kugira ngo dushike ku ntumbero twihaye kandi twasiguriwe: ukurandurana n’imizi Hamas, umutekano ku rubibe, hamwe n’utwigoro tw’igihugu two gutahukana abanyurujwe”.

Ku bijanye n’aba bantu banyurujwe, avuga ko "gutahukana mu gihugu abanyurujwe ni akigoro nyamukuru k’igihugu. Eka ibikorwa vyacu vyose, vyaba ibijanye n’urugamba n’’igendereza, bigamije gushira mu ngiro iyi ntego”.