Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abashika 45 bamuka mu Burundi no mu Rwanda baritoza mu Bubiligi
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Bruxelles, Belgique
- Yatangajwe
Kuri uyu wa mungu italiki 09 z’uku kwezi kwa Ruheshi,2024 hazoba amatora rusangi mu gihugu c’Ububilgi aho abantu bashika 45 bamuka mu Burundi no mu Rwanda barimwo kwitoza.
Ayo matora azoba ari ay’abashingamateka,abajenama b’amakomine,n’abaserukira Ububiligi mu nama nshingamateka ya Bulaya.
Muri abo bitoza bafise amamuko mu Burundi no mu Rwanda nka bose ni urwaruka bavutse inyuma ya 1990.
Umwe mu bazwi cane muri abo ni Laure Uwase, umunyamategeko yavukiye mu Rwanda mu 1992, uwo mupfasoni asanzwe akora umwuga w’ukwunganira abantu (avocate) yitoza mu nama nshingamateka y’Ububiligi igice Kivuga ururumi rw’iki hollande (parlement de la région flamande).
Uwase ari ku rutonde rw’ugambwe CD&V yabwiye BBC Gahuzamiryango ko bitoroshe ariko yipfuza kugera kure.
Agira ati: “Ivyapa biriko amaphoto yanje, hari abahezanguni bavyanditseko amajambo y’ivangurarukoba ariko ntibica intege, ico nipfuza nuko Ababiligi boronka uburaro bwiza, bakagira n’amagara meza yo mu mutwe kandi nzobibashikanako ninatorwa .”
Kubijanye n’akarere k’ibiyaga binini bamukamwo, Uwase avuga ko ari umwitwarariko ukomeye kuri we.
Ati: “Birababaje harakenewe amahoro arama hariya twamuka, ariko amahoro arama ategerezwa kuva mu gutsimbataza demokarasi, abatwara bategerezwa kumviriza abanyagihugu, abanyagihugu nabo bagahabwa uburenngazira bwo kwihitiramwo abo bakeneye nkuko biba mu Bubiligi niyo nzira izozana amahoro.”
Uwundi ahatana muri ayo matora ni Orly Nzisabira afise amamuko mu Burundi. Ni umusore w’imyaka 24, asanzwe ari umukinyi mu rukino rwa Basketball mu ntara ya Liège mu bumanuko bw’Ububiligi.
Nzisabira aritoza mu mugambwe w’abasocialiste (Parti socialiste) mu matora y’abashingamateka ku rwego rw’igihugu, akaba ari umukandida afise imyaka mike mu bitoza ku rwego rw’igihugu mu bashingamateka mu mugambwe wa ba Socialiste (PS) uri mu runani ruri kubutegetsi mu bubiligi.
Nzisabira ni impirimbanyi y’agateka k’urwaruka mu vyo aharanira ni uko Ububiligi bwosaba imbabazi mu ruhame ku mabi y’ubukoloni bwagize mu Burundi mu Rwanda no muri RD Congo.
Uretse abava mu Burundi no mu Rwanda, Republika iharanira intwaro Rusangi ya congo (RDC) yoyo ifise abakandida bashika 100 bafise amamuko muri ico gihugu bitoza mu vyiciro bitandukanye muri ayo matora mu Bubiligi.
Abazwi kuruta abandi ni Shadai Mobutu yitoza mu mugambwe MR, uyu ni umwuzukuru wa Mobutu Sese Sko yahoze atwara RDC icitwa Zaïre.
Uwundi azwi ni Pierre Kompanyi yitoza mu mugambwe Les engagés, uyo ni se wa Vincent kompanyi yahoze ari kizigenza w’umurwi wa Manchester City mu Bwongereza ubu yitegura kuja kumenyereza umurwi wa Bayern Munich mu Budage.