Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rwanda - UK: Icegeranyo kivuga ko umugambi wo kurungika impunzi urimwo inenge mu mizi
Umugwi ukomeye wo mu nama nshingamateka y’Ubwongereza uvuga ko umugambi wa leta y’ico gihugu wo kurungika bamwe mu basaba ubuhungiro mu Rwanda, "mu mero yawo ntujanye" n’ingingo z’Ubwongereza zo kubungabunga agateka ka zina muntu.
Uwo mugwi ujejwe ivy’agateka ka zina muntu uhuriweho n’imigambwe yose (Joint Committee on Human Rights) uvuga ko iryo tegeko rishira mu kaga igihagararo c’Ubwongereza ku rwego mpuzamakungu.
Iyo nteguro y’itegeko izoganirwako mu mizi mu nama nkenguzamateka muri ino ndwi kandi ikaba yitezwe guhura n’abayiyamiriza cane.
Naho yorengana, ntibitomoye neza nimba indege zizofata ikirere [zerekeza mu Rwanda].
Itegeko ry’umushikiranganji wa mbere Rishi Sunak ritumvikanwako na benshi, ryaremejwe n’abashingamateka mu kwezi guheze naho ryiyamirijwe cane. Umugambwe wiwe ubwawo warigabuyemwo ibice kubera uwo mugambi kandi uwahoze ari umushikiranganji ajejwe abinjira n’abasohoka atanga imihoho, avuga ko uwo mugambi utazoshoboka.
Hakurikijwe uwo mugambi, umaze gutwara imiriyoni £290 gushika ubu, Ubwongereza buzokwankira gusaba ubuhungiro uwo wese azoba yinjiye mu gihugu aciye mu muhora w’uruzi wa English Channel, kandi ace ajanwa mu Rwanda ubutakigaruka. Leta y’ico gihugu yaremeye kuzokwihweza dosiye zabo ibakingire.
Sentare ntahinyuzwa y’Ubwongereza yafashe icemezo c’uko u Rwanda atari igihugu gitekanye kuko gishobora gusubiza abantu bahohotewe, harimwo no gukubagurwa, mu bihugu baje bahunga.
Iri tegeko niryemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, abacamanza b’Abongereza bazobwirwa kwemeza ko u Rwanda rutekanye hatarinze kwihweza ibimenyetso ku nshuro ya kabiri.
Aho washikiriza umwihwezo urambuye kuri iri tegeko imbere yuko abanyamategeko batangura iminsi itatu yo kuriharirako, umugwi uhuriweko n’imigambwe yose ujejwe ivy’agateka ka zina muntu wavuze ko iryo tegeko rizokwima abasaba ubuhungiro bose uburenganzira bwo gusaba sentare yigenga ngo yihweze urubanza rwabo rwo kuguma mu Bwongereza.
Icegeranyo c’uwo mugwi kigira giti: "Ingingo y’uko abantu badashobora gukurwa mu gihugu ngo bashirwe mu kaga ko guhakwa gutotezwa, gukubagurwa, gufatwa bunyamaswa canke kwicwa, ni ingingo ngenderwako y’itegeko mpuzamakungu, Ubwongereza bwisunze kenshi mu myaka 70 iheze".
Mu gihe u Rwanda rwiyemeje, mu masezerano mashasha n’Ubwongereza, kuvugurura amategeko abungabunga agateka ka zina muntu, nta cemeza na kimwe ko bizokunda, nk’uko uwo mugwi ubandanya uvuga.
Joanna Cherry KC, wo mu mugambwe SNP, akuriye uwo mugwi uhuriweko n’imigambwe yose, yagize ati: "Amasentare aracari inzego z’igihugu zibereye mu gutorera umuti ibiteje impari.
"Ikibazo c’umutekano wo mu Rwanda nticotomorwa neza n’itegeko ahubwo cotomorwa mu kwemerera amasentare kwihweza [ibimenyetso]."
Yongeyeko yuko iryo tegeko ririmwo inenge nyishi ku buryo rihakwa guteza "ingorane zitagira izina" ku gihagararo c’Ubwongereza mu bijanye no gukingira agateka ka zina muntu.
Yagize kandi ati: "Kubangamirwa kw’agateka ka zina muntu ni vyo biri kw’isonga kandi nta guhindura itegeko ukwo ari kwo kwose kwobitorera umuti."
Ibihindurwa bibangamira itegeko
Abanyamategeko badashima iri tegeko ku Rwanda – abashingwamanza ba leta ubwabo bakaba baravuze ko ririmwo inenge – bashikirije ivyohindurwa bishika 90.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati yagize ati: "Turiteguriye guhangana n’iki kibazo gikomeye co ku rwego mpuzamakungu mu kuzana inyinshu zihamye kandi zivuguruye, kandi umugambi uraba u Rwanda ni co ugamije.
"Itegeko twashikirije, riherekejwe n’umwumvikano, niyo nzira iboneye izotuma indege zifata ikirere zerekeza mu Rwanda mu gihe ca vuba gishoboka.
"U Rwanda biragaragara ko ari igihugu gitekanye kirajwe ishinga cane no gufasha impunzi. Gicumbikiye impunzi zirenga 135.000 kandi kiriteguriye kwimura abantu no kubafasha gusubira kwubaka ubuzima bwabo."
Mu gihe umushikiranganji wa mbere yavuze ko umugambi wiwe wo "guhagarika amato" ari umwe mu migambi itanu mikuru mikuru yiyemeje gushitsa, impapuro zashizwe ahabona zerekana ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Bwongereza (Home Office) butegekanya gukoresha imiriyoni £700 mu kwakira abaza mu gihugu, gushika mu 2030.