Kenya: Imyiyerekano y’uburakari yo kwiyamiriza ubwicanyi bukorerwa abagore

Ahavuye isanamu, Mercy Juma/BBC
- Umwanditsi, Na Mercy Juma & Anthony Irungu
- Igikorwa, BBC News, Nairobi
- Yatangajwe
Abantu batari bake bari barwiriyemwo abagore ejo ku wa gatandatu bihaye amabarabara mu turere tutari duke tw’igihugu muri Kenya biyamiriza ubwicanyi bwiziziye abagore hamwe n’ayandi mabi bakorerwa.
Iyi myiyerekano yabaye mu bisagara vya Nairobi, Nakuru, Mombasa, Nyeri na Lodwar bamwe mu bari muri yo bafise ivyapa biriko amazina y’abagore bishwe.
Icigwa cakozwe mu 2022 casanze umugore umwe kuri batatu muri Kenya bahohoterwa ku mubiri mu buzima bwabo.
Winnie Chelagat w’imyaka 33, umwe mu bari muri iyi myiyerekano, yabwiye BBC ati: "Ndi ng’aha kubera ishavu.
"Ni akabi, turarushe kandi dushaka ko hagira igikozwe".
Umugabo yari yifatanije n’aba bagore Michael Onyango avuga ko abagabo n’abahungu bategerezwa gufata inshingano ku bikorwa vyabo, aho kuremeka abagore n’abakobwa umuzigo wo kwikingira.
Ati: "Ni ngombwa ko twigisha abana bacu b’abahungu tukababwira ko bategerezwa guhagarika kwica abagore".
Ino myiyerekano y’ejo ku wa gatandatu yabaye inyuma y’igandagurwa ry’abagore – harimwo umwe yitwa Rita Waeni, yatemaguwe, ibihimba bikaba vyagiye gutorwa bigitekeye mw’isashe.
Femicide, canke ubwicanyi bw’abagore, ni igikorwa co kwica umugore canke umukobwa kubera ari uw’igitsinagore.
Ishirahamwe Amnesty International rivuga ko abagore n’abakorwa barenga 500 bagandaguwe muri Kenya hagati ya 2016 na 2023.
Abenshi mu bishwe bagandaguwe n’abakunzi babo canke abantu bazinanye nabo.
Abaharanira agateka k’abagore basaba ko ubutungane butunganiriza abo bose bakorewe amabi ashingiye ku gitsina.
Amashirahamwe yo muri ico gihugu aharanira uburenganzira bw’abagore avuga ko reta itegerezwa gutangaza ko igandagurwa ry’abakobwa n’abagore ari ikibazo gihanze igihugu kandi igandagurwa ry’abakobwa n’abagore rikitwa icaha kidasanzwe, gitandukanye n’ubundi bwicanyi.
Muri iyi myiyerekano y’ejo ku wa gatandatu, ku mugwa mukuru Nairobi, abari muri yo baririmba ngo "Sisi ni watu sio wanyama" mu giswahili – bisigura ngo "Turi abantu ntituri inyamaswa".
Abandi bari bafise ivyapa bivuga ngo "abagabo b’intege nke no bo bonyene bica abagore" hamwe na "igihe cose utaye impfane ku wishwe uba uteye intege umwicanyi".

Ahavuye isanamu, Mercy Juma/BBC

Ahavuye isanamu, Mercy Juma/BBC
Kwagiriza abishwe vyariyongereye cane ku mbuga hwaniro, aho abandika ku citwa "manosphere" (ihuriro ry’imbuga ngurukanabumenyi n’imbuga hwaniro zishira imbere igitsinagabo n’ukwanka abagore kandi zikarwanya icitwa feminism) muri Kenya bagiriza abagore bishwe ko ari bo ntandaro y’igandagurwa ryabo bo nyene.
Bwinshi mu butumwa buhanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi bwibanda cane cane ku nyambaro abishwe baba bari bambaye igihe baterwa, canke bakabaza igituma badakoresha amaterefone ngendanwa yabo mu kubwira abagenzi n’imiryango yabo aho baba bari.
Nubwo Kenya ifise amategeko ruhasha yo guhana ihohotera rishingiye ku gitsina, abenshi mu babikora ntibahanwa. Iyo naho hagize abitwara, imanza zimara imyaka n’imyaka muri sentare.
Natasha Booty na we yaterereye kuri ino nkuru










