Afrika y'Epfo itegura kurungika abasirikare 2900 muri DR Congo

Ingabo za SANDF

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abasirikare b'Afrika y'Epfo (ifoto yo mu bubiko)
Yatangajwe

Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y’Epfo yategetse irungikwa ry’abasirikare 2900 mu gufasha kurwanya imirwi y’inyeshamba mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Izi ngabo zizoba ziri mu rwego rw'ubutumwa bw’ingabo z’ishirahamwe rihuza ibihugu vya Afrika y’ubumanuko, SADC, muri Congo buzwi nka SAMIDRC (SADC Mission in DRC), bwemejwe n’iri shirahamwe muri Rusama (5) umwaka uheze.

Malawi na Tanzania na vyo nyene bizorungika ingabo muri ubu butumwa.

Itangazo ry'ibiro vya Perezida Ramaphosa rivuga ko igikorwa c'aba basirikare b'Afrika y'Epfo catanguye ku wa 15 Kigarama (12) mu 2023 – aba mbere bahageze muri uwo mwaka – kikazobandanya gushika ku wa 15 Kigarama uno mwaka.

Ubu butumwa bwa SADC busubiriye ingabo z’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko zavuye muri Congo muri Kigarama umwaka uheze, inyuma y’aho reta y’iki gihugu itangarije ko ataco ziyimariye.

Ubutumwa bw’izi ngabo buzotwara Afrika y’Epfo imiriyaridi zibiri z’ama-rand (ni ukuvuga imiriyoni 105 z’amadorari y’Abanyamerika, mu marundi yababa imiriyaridi zishika hafi 300).

Afrika y'Epfo isohoye iri tangazo mu gihe intambara zasubiye gusutama zikaba zimaze gutuma abanyagihugu baharurwa mu bihumbi mirongo bata izabo, biyongera ku bandi bababa imiriyoni indwi bataye izabo muri DR Congo kubera intambara zitandukanye.

Hagize imisi havugwa intambara zikomeye mu turere tw’amateritware ya Masisi na Rutshuru hagati y’ingabo za reta (FARDC) n’inyeshamba z’umuhari M23 zivugwa ko zishigikiwe n’Urwanda, ivyo iki gihugu camye camirira kure.

Mu misi iheze, habaye intambara zikomeye mu micungararo y’igisagara ca Sake muri teritware ya Masisi kiri ku birometero hagati ya 20 na 25 mu burengero bw’igisagara ca Goma.