Trump avuga ko bigoye gukorana na Ukraine kurusha Uburusiya

Ahavuye isanamu, EPA
Perezida wa Amerika Donald Trump avuga ko abona ''bigoye gukorana na Ukraine'' kurusha Uburusiya mu twigoro two kurondera amahoro hagati y'ivyo bihugu bibiri.
Amerika ikorana ''neza cane n'Uburusiya'', kandi ''bishobora kworoha'' gukorana na Moscow ''kurusha'' gukorana na Kyiv.
Ivyo Trump yabivuze imbere y'aho gato yari yavuze ko ashobora kwiyumvira gufatira ibihano bikomeye Uburusiya no kwongereza amakori ku bicuruzwa vy'Uburusiya hamwe hatoboneka amasezerano yo guhagarika intambara na Ukraine.
Hagati aho kuva Amerika ibaye irahagarika imfashanyo yayo ya gisirikare kuri Ukraine, yanahagaritse kuyiha amasanamu y'ibigendajuru.
Haraheze indwi irenga gato mu biro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika, Maison Blanche, perezida Trump n'uwa Ukraine Volodymyr Zelensky bateranye amajambo yatumye Zelensky yagirizwa ''kutubaha Amerika''.
Mu nyuma y'uko gukomorana, Trump yaciye ahagarika imfashanyo ya gisirikare kuri Ukraine no kuyiha amakuru y'igenderereza yafasha cane igisirikare cayo kwisuganya mu kwivuna ibitero vy'Uburusiya.
Hakurikiye ibitero vy'ibisasu vya misire na drone vy'Uburusiya ku bikorwa remezo vy'amasoko ntanganguvu vya Ukraine kuva ku wa kane mw'ijoro.
Muri ivyo bitero hamaze gupfa abantu batari munsi ya 25, nk'uko abategetsi ba Ukraine bavuga.
Inyuma y'ivyo bitero, umushikiranganji wa mbere wa Pologne Donald Tusk yavuze ati: ''Ivyo nivo bishika iyo umuntu yoroheye abantu bakora bunyamaswa.''
Igitero caguyemwo abantu benshi kurusha ibindi cabaye mu masaha yitereye yo ku wa gatanu mu ntara ya Donetsk mu gisagara ca Dobropillya. Hapfuye abantu nibura 11 igihe ibisasu vya misire vyagwa ku nzu abantu babamwo no ku nyubakwa y'amamangazini.
Abatabara bamaze gushika, ikindi gitero caciye gihwikira ''gitumbereye n'ibigirankana abaje gutabara'', nk'uko perezida Zelensky yavyanditse kuri Telegram.
''Ivyo bitero vyerekana ko intego y'Uburusiya itahindutse,'' niko yongeyeko.
Ibindi bitero muri iyo ntara vyishe abantu icenda bikomeretsa 13 ku wa gatanu no ku wa gatandatu, nk'uko abategetsi baho babivuga.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kuba Trump yarakangishije ibindi bihano vyofatirwa Uburusiya busanzwe bwarafatiwe ibihano cane bishobora kuba ari inyishu kuri ivyo bitero. Yavuze ko ariko aribaza ''ayandi makori'' kuko Uburusiya buguma busenyagura Ukraine ku rubuga rw'intambara n'ubu nyene''.
Ariko Trump ntiyatevye guca avuga ngo Uburusiya buriko burakora nk'uko uwundi wese yokora.
''Nibaza ko ariko arabasenyagura kurusha uko yahora,'' niko Trump yavuze. ''Kandi nibaza ko bishoboka ko uwo ari we wese muri iki gihe yokora nk'uko nyene.''
Yongeyeko ko yibaza ko Putin ashaka kurangiza intambara ariko ko adashobora kuvuga nk'ivyo nyene kuri Ukraine.
''Nshaka kumenya ko bashaka [Ukraine] ko intambara ihera ariko sinzi ko bashaka ko intambara ihera, '' niko Trump yishuye igihe yabazwa igituma yahagaritse imfashanyo kuri Ukraine.
Kuba Trump yahisemwo kuvugana ataziguye n'ubutegetsi bw'Uburusiya vyatumye ibindi bihugu bihurira muri Otan vyumirwa kuko vyo gushika ubu vyagumye vyinuba Moscou kuva Uburusiya bugavye igitero kuri Ukraine yose muri Ruhuhuma mu 2022.
Ariko kuva Trump na Zelensky bateranye amajambo, ubu icuka gisa n'icaturuye.
Abanyamerika bashaka ko Zelensky abasinyira amasezerano abaha gushikira ubutare bwa Ukraine, hanyuma nawe akumvikana ku gahengwe k'intambara n'Uburusiya.
Zelensky ico yagumye agerageza kuronka ni uko ayo masezerano yojana n'ingingo zo kwizeza ku umutekano w'igihugu ciwe uzoguma ukingiwe akandi agasomborotso k'Uburusiya. Ku wa gatanu Trump yavuze ko ivyo Zelensky yifuza bazoheza bakabivugana mu nyuma kandi ko ari co ''gice kizoba coroshe''.
Mu ndwi buca itangura, intumwa zo mu rwego rwo hejuru za Trump zizoja muri Arabia Saudite guhura n'izo kwa Zelensky mu gihe ari ku gitsure co gusinya ivyo Trump ashaka.
Umukuru wa Ukraine yavuze yo yizigiye ko ''ibiganiro bizoba biri n'ico bivuze''. Ku wa gatanu yavuze ko igihugu ciwe ''citeguriye amahoro vuba hashoboka'' kandi ko yerekanye intambwe zifadika zo kuyashikako.
Yamara yongerako ati: ''Buri munsi, ibindi bitero vy'Uburusiya…bigaragaza ko ari Uburusiya bukwiye guhatirwa ku mahoro.''
Kuva bateranye amajambo na Trump , Zelensky yaricujije avuga ko agiye gukora kugira imigenderanire isubire kuba myiza na Amerika.
Amerika ivuga ko Zelensky yarungitse ikete ririmwo [gusaba] ''imbabazi'' no ''kwerekana ugukenguruka''.










