Imvo n'Imvano ku mugambi w'Uburundi wo kuba igihugu giteye imbere mu 2060: igice ca kabiri
Mu mvo n'imvano yo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 ukwezi kwa 12 mu 2024 murakurikira igice kigira kabiri c'iyiheruka ku mbonakazoza y'Uburundi, aho ico gihugu gitegekanya kuba cigaburira kandi cihagije mu 2040 hanyuma mu 2060 na ho kikazoba ari igihugu giteye imbere. Inama yo gusigura uwo mugambi yabaye ku wa 5 na 6 Kigarama (12) 2024. Kugira ivyo kibishikeko, hari vyinshi bitegerezwa gukorwa bijanye no guhasha ba kaboko, intwaro ibereye, kugwanya ka mwana wa mama n'ikimenyane.
Hari kandi ibindi bintu vya nkenerwa nk'umuyagankuba, amabarabara, amazi… ari karahara mu ruganda ntibacura ku bagwizatunga bipfuza kuzana imitahe yabo mu Burundi.
Mu kiganiro ca mbere, abatumire bacu bavuze ku migambi nyamukuru itegerezwa gushirwa mu ngiro kugira igihugu gishike kw'ihangiro cihaye. Muri iki gice kigira kabiri, baratubwira ingene iyo migambi izoshirwa mu bikorwa.
Abatumire ni Alain Ndikumana arongoye BESD, ibiro vy'umukuru w'igihugu bijejwe ivyigwa n'iterambere, Olivier Suguru arongoye ishirahamwe CFCIB, Ishirahamwe ry'abagwizatunga, Evrard Havyarimana umugwizatunga yitabiriye inama yo kuzana imitahe mu Burundi, aba mu gihugu c'Ubufaransa hamwe na Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOM.
Iyi mvo n'imvano mwayiteguriwe na Cyriaque Muhawenayo.