Kenya, Tanzania na Uganda bitegura gufatanya kwakira Can

The Afcon trophy is in the hands of Senegal after they beat Egypt in last year's final.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Can yimirije izobera muri Côte d'Ivoire mu ntango z'umwaka uza ariko nta ngingo irafatwa ku yo mu 2025 kuva Guinée yatswe uburenganziura bwo kwakira izo nkino
Yatangajwe

Kenya, Tanzania na Uganda bigiye gusaba gufatanya mu kuzokwakira ihiganwa ryo mu 2027 ry’igikombe ca Afrika mu mupira w’amaguru (Can/Afcon).

Ivyo bihugu bibanyi vyo muri Afrika y’Ubuseruko vyarungikiye hamwe ishirahamwe rya Afrika ry’umupira w’amaguru (Caf) ubutumwa bwo kwerekana ko vyifuza gutunganya iryo higanwa riba buri myaka ibiri.

Ibindi bihugu bitatu navyo vyerekanye ko bibishaka: Algeria, Botswana na Misiri (Egypt).

Misiri niyo yakiriye iryo higanwa mu 2019 mu gihe Algeria muri uyu mwaka yakiriye ihiganwa rya Chan ryitabirwa n’abakinyi bakinira mu bihugu iwabo, bisigura ko ivyo bihugu bibiri bitazogorwa hageze ku kibazo c’inyubako zo kwakira inkino n’abakinyi.

Ariko, ntibiramenyekana uburyo buzokenerwa gushira mu mwiteguro kugira Botswana canke Afrika y’Ubuseruko hagire uwutahira kwakira ico gikombe.

Gushika mu ndwi iheze, Botswana nayo yari yitezwe kuja ku rutonde rw’abashaka kwakira ico gikombe nayo nyene ifatanije n’ikindi gihugu, ariko Namibia yasokoye ku munota wa nyuma, ivuga ikibazo c’uburyo.

Kenya ifise ikibuga kimwe gusa cemewe na Caf mu kwakira inkino mpuzamakungu, ico kikaba ari Nyayo National Stadium ku murwa mukuru Nairobi.

Ico gihugu mu 2018 catswe uburenganzira bwo kwakira inkino za Chan hasigaye amezi ane gusa ngo habe inkino za nyuma kubera ibibanza vyinshi bitari bwaheze gutunganywa.

Mu kwezi kwa Kigarama (12), reta ya Kenya yasohoye itangazo rijanye n’icerekezo cayo co kwakira inkino zo mu 2027 rihishura ko reta yayo yari ‘’yemeye kwongera inguvu mu mupira w’amaguru nka kimwe mu bintu nkoramutima mu mibehero mu ‘’kunagura umupira w’amaguru muri Kenya’’.

Iryo tangazo ryongeyeko ko ‘’utwo twigiro tw’igihugu tuzoba turimwo kwubaka gushasha umugwi w’igihugu w’abagabo n’umugwi w’igihugu w’abagore.’’

Impande zine zabisavye zifise gushika ku wa 23 Rusama (5) kugira zishikirize integuro zazo za nyuma imbere y’uko haba ingendo zo kugenzura (ibibanza bizokenerwa) muri Ruheshi na Mukakaro.

Caf ntirafata ingingo y’uwuzokwakira Can 2025, inyuma yo kwaka ubwo burenganzira Guinée mu kwezi kw’icumi kubera umwiteguro udashimishije.