Video y'igihe umushoferi wa jipe yasohoka gato imbere y'uko isekwa na gariyamoshi

Insiguro ya video,
Video y'igihe umushoferi wa jipe yasohoka gato imbere y'uko isekwa na gariyamoshi
Yatangajwe

Amasanamu yashizwe ahabona na Utah Transit Authority yerekana ingene umushoferi yavuye mu modoka imbere gato cane y'uko isekwa n'igariyamoshi (itereni) i Layton muri Utah (Reta Zunze Ubumwe za Amerika).

Iyo modoka iboneka yabuze isaganirizo imbere y'imyamba yo kwugara ijabukiro inyuma yo gusunikwa na kamyoneti yari inyuma yayo.

Vyanse ko asubira inyuma, umushoferi aca ava mu modoka amasekunda make gusa imbere y'uko isekwa.

Nta wakomeretse, ku bw'ibinyamakuru vy'aho.