OTRACO – Burundi: “Twashizeho amategeko yo guhasha ababundabunda”

Insiguro ya video, Imodoka, izigikomeye n’izishaje, zitembera mu mabarabara, mu Burundi.
OTRACO – Burundi: “Twashizeho amategeko yo guhasha ababundabunda”
'Bus' za OTRACO zashika kure mu gihugu.
Insiguro y'isanamu, OTRACO, urwego rwa leta rushinzwe kugenzura ko imodoka zikwije, "rusabwa ibirurengeye".
Yatangajwe

Uburongozi bwa OTRACO busaba abafise imodoka kuzisuzumisha.

Mu 2022, hamenyekanye amasanganya arenga 5 000.

Ni mu gihe igitigiri c’imodoka, izigikomeye n’izishaje, harimwo n’izidakwije ivya ngombwa, zitembera mu mabarabara, mu Burundi.

Mu 2021, Perezida Ndayishimiye yari yavuze ko azi ibiturire biri muri ico kigo.

Ubu, ko gusuzumisha ingendeshwa bikorerwa mu bibanza bine (Gitega, Bururi, Ngozi na Bujumbura), hahindutse iki k’uko vyari imbere, no ku ngaruka?