Kubera iki Amerika ishigikiye ko ibihugu bimwe bimwe biva muri CPI?

Donald Trump na Perezida wa Tchad

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump na Perezida wa Tchad
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarashimye ingingo ya Tchad yo kuva muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI).

Tchad ibaye igihugu ca gatanu gitangaje ko kivuye muri iyo sentare mu misi ya vuba. Indwi imwe imbere y'aha, Niger, Mali na Burkina Faso na vyo nyene vyatangaje ingingo nk'iyo.

Reta ya Tchad yafashe iyi ngingo inyuma yo kwagiriza iyo sentare guhengama mu kazi kayo no kwama yibanda cane ku gukurikirana ibihugu vya Afrika gusa.

CPI imaze igihe ihanganye n'ingorane y'ibihugu biguma biyivamwo. Ibi bituma yisanga mu bihe bigoye na cane cane muri iki gihe iriko irondera Umushikirizamanza mukuru mushasha, inyuma y'uko Karim Khan abogojwe.

Karim Khan yakuwe mu mabanga y'Umushikirizamanza mukuru mu misi mike iheze, inyuma y'uko yagirijwe amakosa ajanye no kwigenza nabi mu kazi.

Imbere y'aho, yari yasavye ko hasohorwa umutahe wo guta muri yompi Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa mbere wa Israel. Ku bwiwe, ikurwa ryiwe ririmwo imvo za politike.

Ni kuki Amerika ishigikiye ukuva muri CPI?

Amerika yakiriye neza ingingo ya Tchad yo kwikura muri CPI, aho yavuze ko iyo sentare ari "urwego rudakora neza kandi rufise ibinenge vyinshi".

Mw'itangazo vyacishije ku rubuga X, ibiro vya Amerika bijejwe ibibazo vya Afrika vyavuze ko ingingo ya Tchad yerekana ubushake bw'ico gihugu bwo kwikura muri iyo sentare, nk'uko n'ibindi bihugu vyabikoze.

Iryo tangazo rigira riti: « Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntizizokwigera zihebera ubwigenge bwazo sentare mpuzamakungu ata n'umwe ayibazwa. »

Ivyo biro bibandanya bivuga ko ubutegetsi bwa Amerika buzokora ibishoboka vyose kugira buhagarike ivyo bubona ko ari ugukoresha ububasha bwa CPI mu buryo burenze urugero kandi butari bwo.

Perezida Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Donald Trump

'Ukwagiriza Tchad kugira uruhara mu ntambara yo muri Sudani'

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ingingo ya Tchad yo kuva muri CPI ifitaniye isano n'ibivugwa ko reta y' i N'Djamena yoba ifise uruhara mu ntambara iriko ibera muri Sudani, igihugu kibanyi.

Igisirikare ca Sudani n'amashirahamwe ajejwe ibikorwa vy'ubutabazi yagiriza Tchad gufasha abarwanyi b'umuhari RSF witwara gisirikare wo muri Sudani, mu kubaronsa ibirwanisho biva muri Emirats Zunze Ubumwe z'Abarabu. Ariko, Tchad irahakana ivyo yagirizwa.

N'ubwo biri uko, impande zose zihanganye muri Sudani ziragirizwa ivyaha vyo mu ntambara, harimwo n'ibikorerwa abasivire.

Amategeko agenga CPI yatanguye gukurikizwa ijana kw'ijana mu 2002 kugira ikurikirane kandi icire imanza abagirizwa ivyaha vyo mu ntambara. Igitigiri c'ibihugu biyirimwo ni 125. Muri vyo, 34 ni ivyo ku mugabane wa Afrika. Ariko imaze igihe inegurwa ko ikora nabi kandi ko iterwa igitsure n'ibihugu bikomeye bitanayirimwo nka Amerika.

Hakurikijwe amategeko ayigenga, ibihugu biyirimwo birafise ububasha bwo guta muri yompi umuntu wese aronderwa n'iyo sentare.

Ibihugu vyamaze kuva muri CPI n'ibitegekanya kuyivamwo

Uburundi ni bwo bwabaye ubwa mbere mu kuva ku mugaragaro muri CPI mu 2017, aho bwagirije iyo sentare gukurikirana Abanyafrika gusa.

Iyo sentare yari yagirije reta y'ico gihugu ivyaha vyo mu ntambara, harimwo ubwicanyi n'ihohotera.

Mu 2015, mu Burundi habaye imyiyerekano n'umudugararo vyatewe n'ingingo ya Perezida w'ico gihe Pierre Nkurunziza yo kwitoreza ikiringo kigira gatatu, ingingo yabonwa na bamwe mu Barundi nk'iyiteye kubiri n'ibwirizwa nshingiro.

Inzego z'umutekano zagirijwe gukoresha inguvu zirenze urugero mu kugerageza guhasha iyo myiyerekano.

Philippines na yo nyene yaravuye muri CPI mu 2019. Iyi ngingo yafashwe inyuma y'uko iyo sentare itanguje itohoza ku wahoze ari Perezida Rodrigo Duterte ku vyaha vy'ubwicanyi bivugwa ko vyakozwe mu mugambi wiwe wo kurwanya ibiyayuramutwe.

Duterte yagirije CPI gukoreshwa nk'igikoresho co kugerageza gutembagaza ubutegetsi bwiwe.

Ibihugu bihurikiye mw'ihuriro ryo muri Sahel (AES), ari vyo Niger, Mali na Burkina Faso, vyose birongowe n'ubutegetsi bwa gisirikare, vyatangaje mu mpera za Ruheshi (6) 2026 ko bigiye kuva muri CPI. Bigamije kurushiriza kwitandukanya n'ibihugu vyo mu Burengero bw'isi.

Venezuela na yo nyene yatangaje ko ifise umugambi wo kuva muri CPI kubera itohoza ririko rirakorwa ku vyaha vyo mu ntambara vyagirizwa reta y'uwahoze ari Perezida Nicolás Maduro.

Kenya hamwe na Afrika y'Epfo na vyo nyene vyarigeze gukangisha kuyivamwo.

Ibihugu vyinshi bikomeye ntibiri muri CPI

Igikorwa nyamukuru ca CPI ni ugukurikirana no gucira imanza abantu bagirizwa ivyaha bikomeye kuruta ibindi, cane cane mu gihe ibihugu vyabo bitafashe ingingo zikwiye zo kubakurikirana.

Yamara, ingorane ikomeye ihanze iyo sentare ni uko idafise ububasha bwo guhatira ibihugu gushira mu ngiro ingingo zayo. Ibihugu bikomeye vyinshi, harimwo Amerika, Israel, Ubushinwa n'Uburusiya, ntibiyirimwo.

Ivyo bituma iyo sentare bitayorohera kugira amatohoza ku vyaha bibera muri ivyo bihugu canke bikorerwa n'ivyo bihugu hanze y'imbibe zavyo.

Kubera ko ivyo bihugu bikomeye bitari muri CPI, ibihugu bimwe bimwe biyirimwo na vyo nyene bica bihitamwo kuyivamwo igihe iba igerageje kugira amatohoza ku vyaha vyakorewe ku butaka bwavyo.

Uwahoze ari Umushikirizamanza mukuru wa CPI yarakangishijwe kenshi gufatirwa ibihano na Amerika, inyuma y'uko asavye ko hasohorwa umutahe wo gufata umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, hamwe na Yoav Gallant, yahoze ari Umushikiranganji wo kwivuna abansi, ku vyaha vyakorewe mu ntambara hagati ya Israel na Palestina, muri Gaza.

Reta ya Tchad ivuga ko, kuva CPI ishinzwe, mu matohoza 13 imaze kugira, icenda muri yo yakozwe ku bihugu vya Afrika, mu gihe ane gusa ari yo yakozwe mu tundi turere tw'isi.

Ivyo bishobora kuba ari imwe mu mvo zituma ibihugu vyinshi vya Afrika biriko birafata ingingo yo kuva muri iyo sentare.