Igisagara kiri mu ngwano zikaze cane kw'isi

Igisagara kiri mu ngwano zikaze cane kw'isi
Yatangajwe

Ingwano yo gufata igisagara ca El Fasher iterwa n'ugukungahara kwaho.

Hari ubutare, ibitungwa n'imfungurwa kw'intara ya Darfur ico gisagara giherereyemwo.

Intureka zimaze igihe muri Sudan hagati y'ingabo za leta n'abarwanyi b'umurwi wa RSF zatumye abantu ama miliyoni bateshwa izabo.

N'amashirahamwe y'abagiraneza agorwa no gushikana imfashanyo ku bazikeneye.