Hezbollah yatangaje Naim Qassem nk’umukuru wayo mushasha

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Hezbollah imenyesha ko icegera c’umunyamabanga mukuru ari we agiye kuba umukuru wayo mushasha.

Naim Qassem asubiriye Hassan Nasrallah yari amaze igihe kirekire arongoye uno muhari, akaba aherutse kwicwa mu gitero co mu kirere ca Israel co mu kwezi guheze ku mugwa mukuru wa Libani, Beirut.

Ni umwe mu bategetsi bake bakuru ba Hezbollah bakiri bazima, inyuma y’aho Israel yiciye indongozi nyinshi z’uno muhari mu rukurikirane rw’ibitero.

Igenwa ryiwe ribaye mu gihe intambara ziyongereye mu ndwi ziheze muri Libani.

Mu kiringo c’imyaka irenga 30, Naim Qassem yari icegera c’umunyamabanga mukuru wa Hezbollah, akaba n’umwe mu bantu bazwi cane b’uno muhari.

Hezbollah ivuga ko yatowe n’inama Mpanuzwajambo ya Shura, nk’uko bitegekanijwe mu mategeko ngenderwako y’uno muhari.

Aho aherereye ntihazwi neza, nubwo amakuru amwe avuga ko yahungiye muri Irani, igihugu gishigikiye cane uno muhari.

Yavukiye i Beirut mu 1953 ku muryango wamuka mu bumanuko bwa Libani.

Qassem ni umwe mu batanguje Hezbollah, akaba amaze gushikiriza ijambo ku mboneshakure incuro zitatu kuva Nasrallah yiciwe mu gitero co mu kirere ca Israel.

Mw’ijambo yashikirije igihe kimwe, yavuze ko guhagarika intambara ari yo nzira yonyene yoshobora gutuma abanyagihugu bo mu buraruko bwa Israel basubira mu zabo.

Mu kumenyesha igenwa rya Qassem, Hezbollah yasohoye itangazo aho ivuga ko "afise ibendera ry'umuhezagiro muri uru rugendo".

Iryo tangazo kandi ryahaye icubahiro umuhisi Nasrallah n’abandi bamaze kwicwa muri iyo ntambara.

Ubu burongozi bushasha bwa Hezbollah bwari bwitezwe ko bwari gushikirizwa umukuru w’idini Hashem Safieddine, ariko ku wa 22 Gitugutu (10) ni ho vyamenyekana ko yiciwe mu gitero c’indege ca Israel hafi indwi zitatu imbere y’aho.

Avuga ku bijanye n’igenwa rya Qassem ku mbuga hwaniro, umushikiranganji w’ukwivuna abansi wa Israel, Yoav Gallant, yavuze ko ari “igenwa ry’igihe gito” kandi ko atazomara “igihe kirekire”.

Israel yarakoze ibitero vyo mu kirere muri Libani mu ndwi ziheze, aho yateye ivyo ivuga ko ari abakozi b’igendereza ba Hezbollah, ibikorwa remezo n’ibirwanisho.

Mw’ijoro ryo ku wa mbere, igisirikare ca Israel cakoze ibitero vyo mu kirere mu Kiyaya (Ikibaya mu Kinyarwanda) ca Bekaa kiri mu buseruko bwa Libani, akarere Hezbollah ikoreramwo cane.

Ubushikiranganji bwa Libani bujejwe amagara y’abantu buvuga ko abantu nibura 60 ari bo bishwe abandi barenga 50 barakomereka.

Igisirikare ca Israel ntaco kiravuga kuri iki gitero.

Israel yatanguye ibitero kuri Hezbollah inyuma hafi y’umwaka w’imishamirano yambukiranya imbibe yandurutse ku ntambara yo muri Gaza, ikavuga ko yashaka ko abanyagihugu baba mu turere two ku mipaka bataye izabo kubera ibitero vya Hezbollah vya muzinga, ibisasu n’indege zitarimwo abadereva batahuka ata nkomanzi.

Ubushikiranganji bwa Libani bujejwe amagara y’abantu buvuga ko mu kiringo c’umwaka uheze, abantu barenga 2.700 bishwe abandi bababa 12.500 nabo bagakomereka muri iki gihugu.

Muri ico kiringo nyene, Hezbollah yarateye Israel ikoresheje ibihumbi vy’ibisasu vya muzinga n’indege zitarimwo abadereva, abantu nibura 59 bakaba barishwe mu buraruko bwa Israel no mu misozi ya Golan, karere kigaruriwe na Israel.