Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
''Twatwarwa canke tukaribwa n'ingona'' - bigiye kurangizwa n'ikiraro ca Rusizi
- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango, Bujumbura
- Yatangajwe
Inyuma y’imyaka 60 kibomotse, reta z'Uburundi na Congo ziriko zikorera hamwe mu gusubira kwubaka ikiraro cahoze gihuza ibihugu vyompi giciye ku ruzi Rusizi.
Ku ruhande rw'Uburundi kiri muri komine Buganda, muri Congo naho ni mu karere ka Sange.
Uwuvuye mu Burundi ashobora guca ashika Uvira, Kalemie, Bukavu, Goma n'ahandi.
''Turaryohewe cane kubera kirya kiraro kiriko kirubakwa. Ahubwo twogira Imana bakacubaka ningoga kikuzura vyoba bigenze neza,'' bivugwa na Innocent Hakizimana, umwe mu banyagihugu baba ahitwa 'ku rya gatandat', ku mutumba Kaburantwa, ikiraro kiriko kirubakwa giherereyeko.
Yongerako ati: ''Twebwe tuvuye ku rya gatandatu duca dushika muri Sange, nimba uca ubandanya uja i Bukavu [...] Uvira, mugabo ubanza gushikira muri Sange.
''Naho wogera i Kalemie, naho wogera i Moba, ubanza guca muri Sange kugira uje muri izo zindi ntara''.
Abanyagihugu b’i Buganda biteze impinduka zikomeye mu bijanye n’urudandaza.
Alice Gakobwa, uwundi aba ku rya gatandatu avuga ko ''mu myaka iri imbere twiteze ibintu vyinshi cane mw'iterambere''.
Ati: ''Nk’abafise uburiro, ububare, amahoteri, […] ubutunzi buzokwiyongera. Turiteze abakongomani, ababanyi bacu…''
'Nticubatswe kubera umupaka n'Urwanda wugaye'
Ibikorwa vyo kwubaka ikiraro co ku ruzi Ruszi bikozwe mu gihe imigenderanire iri hagati y’Uburundi na Congo ku ruhande rumwe, n’Urwanda ku rundi, itifashe neza.
Ivyo bihugu bibiri vyagiriza Urwanda gufasha mu vy’uburyo n’inyigisho imihari ihungabanya ubutaka bwavyo, ariko rwo ruvyamirira kure.
Ibitero vy'abitwaje ibigwanisho biherutse kuba mu Burundi - mu Gatumba mu kwezi kwa Kigarama (12) mu 2023 n'i Gihanga mu kwezi kwa Ruhuhuma (2) uyu mwaka - vyompi vyazananye ku ruhande rwa Congo.
Ariko umugwi Red Tabara uvyemenga Uburundi buvuga ko ufashwa n'Urwanda kandi ko umutwe wawo ari rwo ruwuhaye indaro.
Mu kwezi kwa mbere, reta y'Uburundi yafashe ingingo yo kwugara imipaka yo ku butaka buhana n'Urwanda, ivyahagaritse uruja n'uruza rw'ibicuruzwa hagati n'abantu hagati y'ivyo bihugu.
Ni ingingo yagize ingaruka no ku migenderanire y'Abarundi n'abanye-Congo mu gihe inzira imwe mu zabahuza yari umupaka wa Ruhwa hagati y'Uburundi n'Urwanda. Ubu wugaye, urugendo hagati ya Congo n'Uburundi ku ruhande rwa Cibitoke rusaba kujabuka uruzi Rusizi. Narwo rumaze imyaka 60 ata kiraro kiriko.
Hari abaketse rero ko gusubira kucubaka vyoba vyatewe n'uko umupaka w'Uburundi n'Urwanda wugaye.
Amakuru ava mw’ishirahamwe rijejwe kucubaka avuga ko ata sano bifitaniye kuko ngo hariko hasubizwaho ikiraro cigeze kuba cahahora mu myaka ya 1960, cabomowe mu ntureka zabaye ico gihe.
'Ariko inzira ya Ruhwa yari kirumara'
Iki kiraro, kizotwara hafi imiriyoni 10 z’amadolari. Ni amafaranga yatanzwe n’ibanki y’isi. Bitegekanijwe ko ibikorwa bizomara amezi arenga 13.
Ubu, ibikorwa bikomeye biriko biraba ni ivyo kwubaka ikiraro c’imfatakibanza kizokoreshwa mu kwunguruza ivya nkenerwa bija hakurya canke hakuno y’uruzi Rusizi kugira bikoreshwe mu kwubaka ikiraro nyezina.
Uhashitse, usanga ku nkengera z’urwo ruzi harunze ivyuma vyinshi. Amabeni nayo aguma anyuragiranwa, amwe asesa amabuye, ayandi umusenyi.
Umutekano uracunzwe cane, haba hakurya canke hakuno, abasirikare baguma bakizura.
Abanyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke bavuga ko atari bo bazobona kiraheze kwubakwa.
''Kare twahora tujabuka duciye mu binywabi, benshi ugasanga bariko baratwarwa na Rusizi canke bakaribwa n'ingona, ariko ubu ntibizosubira hamaze kuboneka ico kiraro,'' niko umwe avuga.
Ariko, bamwe mu badandaza bo muri komine Buganda mu ntara ya Cibitoke isanzwe ihana urubibe n'Urwanda bavuga ko bariko bakora bahomba kubera umupaka wa Ruhwa wugaye.
Eric Nsabiyaremye, adandaza inyama impande yo ku cicaro ca komine Buganda, agira ati: ''Aha dusa n’uko twasubiye inyuma kuva aho bugariye imbibe.
''Batarugara imbibe, ngaha hari ahantu nk’izi saha [z'umuhingamo] tudashobora kuronka n’umwanya wo kuyaga kubera uruja n’uruza rw’ingenzi zarengana’’.
''Ariko kuva aho bugariye imbibe, urahabona haragaragara, raba nta bantu. Ubu imodoka zaba zitonze ngaha. Abagura amaguru [y’impene], abagura amafiriti, uburobe, […] bose bari kuba barundanye ngaha ari benshi cane''.
Uretse abadandaza bakomeye, ingingo yo kwugara umupaka wo ku Ruhwa yaragize ingaruka no kubakozi batobato. Umwigeme Rachel Izompa yemeza ko bamwe mu bagenzi biwe birukanywe ku kazi kubera kaciye kagabanuka.
Ati: ''Tebwe batobato dukorera abandi turabihomberamwo. Nk’ubu abakozi bamwe bamwe barabacuye baratashe’’.
''Dusaba ni ukuri y’uko bokwugurura imbibe, nk’ivyoba vyaragoranye bakavyumvikanako''.
Ivyo kwitega kwugurura umupaka bisa n’ibitari ivya vuba. Inyuma y’igitero ca vuba c’abitwaje ibigwanisho i Gihanga mu kwezi guheze, reta y’Uburundi yongeye kwagiriza Urwanda ko ari rwo rufasha abagwanyi ba Red Tabara bemanze igitero.