Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abategetsi ba Hamas bavuye mu biganiro ku gahengwe muri Gaza ata gishitsweko
Intumwa za Hamas zavuye mu biganiro vyariko bibera i Cairo ata mwumvikano ushitsweko wo guhagarika intambara muri Gaza, ariko uwo muhari witwaje ibigwanisho uvuga ko ibiganiro na Israel mu buryo buziguye bitahagaze.
Vyari vyitezwe ko haboneka agahengwe k'iminsi 40 imbere y'uko hatangura ikiringo ceranda ku ba Islam ca Ramadan ku ndwi iza.
Mu gihe ibimenyetso vy'uko abantu bashobora kwicwa n'inzara biguma vyongerekana, igitutu c'amakungu naco kiguma kirushiriza kwiyongera.
Ariko abahuza bo mu Misiri (Egypt) na Qatar biracabagoye gushika ku mwumvikano w'uko Hamas yorekura abanya-Israel yatwaye bunyago bagakabwa abanye-Palestina bari mu mabohero yo muri Israel.
Israel nta ntumwa yarungitse i Cairo, ivuga ko ikeneye kubanza kuronka urutonde rw'abagizwe imbohe bakiriho bashobora kurekurwa hamwe umwumvikano woboneka.
Hamas ivuga ko Israel itemeye ivyo isaba ko abanye-Palestina bateshejwe izabo boshobora guzisubiramwo hamwe n'ukuva kw'ingabo zose za Israel mu bisagara vya Gaza.
Intambara muri Gaza yatanguye inyuma y'aho abagwanyi ba Hamas binjiriye mu bumanuko bwa Israel itariki 7 z'ukwezi kwa Gitugutu (10) bakica abantu hafi 1200 bagatwara bunyago abandi 253, nk'uko bivugwa na Israel.
Abantu barenga 30.800 baramaze kwicwa muri Gaza kuva ico gihe, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas.
Itangazo rya Hamas ryavuze ko intumwa zayo zavuye i Cairo ku wa kane mu gitondo zigiye ''kubonana n'abategetsi bazo, mu gihe ibiganiro bikomeza kugira hahagarikwe igitero, abateshejwe izabo bazisubiremwo hanyuma hatangwe imfashanyo ku bari mu kaga''.
Imboneshakure yo mu Misiri ikorana na reta al-Qahera, hagati aho, yavuze ko hari umuntu akomeye yayibwiye ko ibiganiro bizobandanya ku ndwi iza.
Reta ya Israel ntaco yashotse ibivugako.
Ku wa gatatu, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwavuze ko inzitizi zihari '' atari izonanirana kandi ko umwumvikano ushoboka''.
Bivugwa ko umwumvikano uronderwa gushikwako wotuma harekurwa imbohe z'abanya-Israel 40 bagakabwa abanya-Palestina baruta aho incuro 10 bakavanwa mu mabohero barimwo muri Israel.
Abanya-Israel bashika 130 batwawe bunyago vyibazwa ko bagifiswe na Hamas. Abategetsi ba Israel bavuga ko nibura 30 muri bo bapfuye.
Muri ako gahengwe k'iminsi 40 karonderwa gushikwako, hoca hatangwa ku bwinshi imfashanyo ikenewe cane mkuri Gaza.
Mu gahengwe k'indwi imwe mu kwezi kwa Munyonyo (cumi na rimwe ), imbohe 105, cane cane b'abagore n'abana - bararekuwe baguzwa abanyororo b'abanya-Palestina 240 barekuwe bava mu mabohero ya Israel.
Ata mwumvikano ubaye, hari ubwoba bwinshi ko hazokwiyongera icuka kibi mu gihe ca Ramadan, uyu mwaka izotangura ku wa mungu canke ku wa mbere, bivanye n'ikirangaminsi c'ukwezi.
Hagati aho mu gihe bikomeje kuvugwa ko abapfa baguma biyongera muri Gaza kubera inzara, Ubwongereza na Amerika baguma bashira igitutu kuri Israel kugira ireke imfashanyo irushirize kwinjira muri Gaza. Israel yo ivuga ko ONU ifise ingorane zo gutanga imfashanyo.