Kenya: imiti n’ibipimisho vya HIV-SIDA bikororerwa mu bakiri bato
Kenya: imiti n’ibipimisho vya HIV-SIDA bikororerwa mu bakiri bato
Yatangajwe
Kenya iharurwamwo abari hafi y’imiliyoni zibiri bagendana umugera wa Sida.
Naho muri rusangi ibiharuro vyagiye biragabanuka mu myaka iheze, ubu abandura basubiriye kwiyongera.
Ni uko havutse umugambi wo gushikiriza ibikoresho vyo gupima, n’imiti, cane cane m’uburyo bworohereza abakiri bato, umugambi umaze gushikira abantu 18 000.




