Uganda: Kizza Besigye mu myiyerekano yo kwisonzesha

Kizza Besigye

Ahavuye isanamu, AFP

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Kizza Besigye, umunyaporitike utavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi muri Uganda, ari mu myiyerekano yo kwisonzesha aho apfungiwe mw'ibohero Luzira Maximum Security Prison i Kampala.

Abahanuzi biwe bavuga ko Besigye ariko yiyamiriza kubandanya apfunzwe, mu gihe sentare nkuru y'igihugu mu kwezi guheze yafashe icemezo co kubuza amasentare ya gisirikare gucira imanza abasivire.

Harold Kaija, umujenama wa Besigye mu vya poritike mu mugambwe wiwe People's Front for Freedom (PFF), aremeza iyi myiyerekano yo kwisonzesha.

Kaija yabwiye BBC ati: "Ego, ni vyo.

"Yatanguye imyiyerekano yo kwisonzesha.

"Twibaza ko ari mu myiyerekano kubera atategerezwa kuba akiri mw'ibohero—yari akwiye kuba ari muhira".

Avuga kandi ko umugambwe PFF uriko ukorana n'inzego zibijejwe kugira ngo Besigye arekurwe.

Besigye, umunyaporitike yahoze ari umuganga bwite wa Perezida Yoweri Museveni, yafashwe muri Munyonyo (11) umwaka uheze i Nairobi muri Kenya ari kumwe n'umuhanuzi wiwe mu vya poritike, Obeid Lutale.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu nyuma, aba bompi bahavuye barengutswa imbere ya sentare ya gisirikare i Kampala, aho bagirijwe gutunga inkoho n'amasasu mu buryo buteye kubiri n'amategeko, ibirego bamirira kure.

Mu rubanza rw'imbonekarimwe rwaciwe mu kwezi guheze, Sentare Nkuru ya Uganda yatangaje ko biteye kubiri n'ibwirizwashingiro ko amasentare ya gisirikare aburanya abasivire, ica itegeka ko imanza zose nk'izo zijanwa mu nkiko z'abasivire.

Iki cemezo cararakaje Perezida Museveni, aca araciyamiriza avuga ko ari "icemezo kibi", mbere aca ararahira ararengwa ko ategerezwa kukirwanya.

Yavuze ko icaha kirimwo inkoho gikurikiranwa na sentare ya gisirikare kugira igihugu kigumane amaragamo kuko sentare za gisirivire zifata umwanya muremure mu guca imanza.

Kuri uyu wa kabiri, uwo munyaporitike atavuga runwe n'ubutegetsi yari yitezwe kurenguka muri sentare kugira ngo aburanishwe mu rubanza rwo mu 2022 aho yagirijwe ko yatunganije imyiyerekano itemewe n'amategeko. Ariko ntiyitavye iyo ntahe, ku mvo yavuze ko ari iz'amagara.

Mu 2005, Besigye yarafashwe avuye mw'ikoraniro rya poritike imbere y'amatora y'umukuru w'igihugu yo mu 2006 aca yagirizwa guhemuka. Ivyo vyaha sentare yaravyimye agaciro.

Yaragirijwe kandi gusambanya ku nguvu mu rundi rubanza. N'ivyo vyaha mu nyuma vyarahebwe. Yavuze ko ivyo yagirizwa vyose vyari mw'isekeza ryo kumuburabuza muri politike.

Besigye yari igeze kuba ari umuganga bwite wa prezida wa Uganda, Yoweri Museveni, amaze imyaka myinshi ku butegetsi, ariko mu nyuma arahinduka aba uwo batavuga rumwe.

Besigye amaze guhiganwa incuro zine mu kibanza c'umukuru w'igihugu ca Uganda mu 2001, 2006, 2011, na 2016, aho yahiganwa na Perezida Museveni, ariko hose akaba ataco yashitseko.

Mu matora ya 2021 yahisemwo kutitoza avuga ko amatora yose atunganijwe ku butegetsi bwa Perezida Museveni yama yibwa.

Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi kenshi iridoga ko ihura n'intambanyi mu bikorwa vyayo vya poritike, ikabona ko Museveni atinya ihiganwa.

Abashigikiye Museveni barabihakana, bo bakavuga ko yatumye igihugu kigira amaragamo mu myaka hafi 40 agitwaye.