Uburusiya bwapfunze uwahoze ari umukozi w’ibiro vy’ubuserukizi bwa Amerika

Ahavuye isanamu, Reuters
Uwahoze ari umukozi w’ibiro vy’ubuserukizi bwa Amerika mu Burusiya apfungiwe mw’ibohero ry’i Moscou yagirizwa “gutegura imigambi mibi”, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta TASS.
Robert Shonov yahagaritswe n’igisata c’Uburusiya kijejwe umutekano aca “arapfungwa”, nk’uko iki kinyamakuru cabivuze ejo ku wa mbere.
Kivuga ko ashobora guhanishwa umunyororo w’imyaka umunani.
Ibiro vy’ubuserukizi bwa Amerika mu Burusiya bivuga ko vyamenye aya makuru ariko ko ata “kintu kirengeje co gushikiriza ubu”.
Shonov yafatiwe mu gisagara ca Valdivostok kiri ku mweha hanyuma, ahejeje kubazwa, yaciye yagirizwa “gukorana mw’ibanga n’igihugu co hanze canke ishirahamwe mpuzamakungu canke mvamakungu”, nk’uko TASS ibivuga.
Abategetsi basavye ko Shonov apfungwa amezi atatu. Iki kinyamakuru kivuga ko ata tariki yo kurengutswa irashingwa.
Shonov apfungiwe mw’ibohero rya Lefortovo riri i Moscou, ryahoze ryegukira icahoze ari ikigo c’igendereza, KGB ku butegetsi bw’Abasoviyeti.
Umumenyeshamakuru w’umunyamerika Evan Gershkovich yahagaritswe mu kwa gatatu igihe yakorera ikinyamakuru Wall Street Journal hanyuma akagirizwa kuneka, na we nyene apfungiwe i Lefortovo.
Ni co kimwe na Paul Whelan yahoze mu gisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi, yaciriwe umunyororo w’imyaka 16 mu 2020 inyuma yo guhagarikwa i Moscou yiketswe ko yari mu bikorwa vya maneko mu 2018. Amerika ivuga ko ivyo aba bagabo bompi bagirizwa bitagira ishingiro.










