Intambara ya Gaza: Hamas ivuga ko 241 bishwe na Israel mu masaha 24 muri Gaza

Yatangajwe

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas muri Gaza buvuga ko abantu nibura 241 bishwe mu masaha 24 aheze, mu gihe ibitero vya gisirikare vya Israel bibandanya muri ako gace.

Umukuru w’ubutegetsi bwa Palestina Mahmoud Abbas avuga ko iyi ntambara ari “icaha c’agahomerabunwa” ku banyagihugu biwe.

Umukuru w’igisirikare ca Israel Herzi Halevi avuga ko intambara ihuza igihugu ciwe n’umuhari Hamas izobandanya mu "mezi yandi atari make".

Israel ivuga ko ejo ku wa kabiri honyene yakubise ibibanza birenga 100, mu gihe hari amakuru avuga ibitero vyo ku butaka vyimirije mu karere ko hagati ka Gaza.

Ibiturika bikomeye vyumvikanye ku rubibe rwose Gaza ihana na Israel mu masaha y’agaturuturu ko kuri uno wa gatatu.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri Gaza butangaza kandi ko abantu 382 bakomeretse muri iki kiringo nyene c’amasaha 24.

Nk’uko ubu bushikiranganji bubivuga, abanya-Palestina nibura 20.915 baramaze kwicwa - abenshi muri bo bakaba ari abagore n’abana - mu mayinga arenga 11 ino ntambara imaze.

Amakuru atangwa n’impande zihanganye ntarashobora guhinyuzwa n’uruhande rwigenga.

Iyi ntambara yatanguye ku wa 07 Gitugutu inyuma y’igihuhusi c’ibitero vya Hamas vyahitanye abanyagihugu muri Israel. Abantu bababa 1200, cane cane abasivire, barishwe. Abababa 240 nabo baranyururijwe muri Gaza, bake muri bo bakaba bamaze kurekurwa.

Perezida Abbas avuga ko iyi ntambara yo muri Gaza “irengeye kwitwa ikiza” kandi ko “irengeye intambara yo guhonya”.

Avuga ko ari ibintu bitari bwigere bibaho muri kahise k’abanya-Palestina.

Avugana n’imboneshakure ya Misiri ari i Ramallah mu kiganiro ciwe ca mbere kuva intambara yadutse, yavuze ko aka karere katakimenyekana, anagabisha ko ibintu bishobora kuyangara umwanya n’umwanya mu karere ka Cisjordanie/West Bank kigaruriwe n’Abayahudi.

Uno mutegetsi wa Palestina yagiriza Amerika ko idindiza intambara mu kuzibira integuro z’ivyemezo vya ONU bisaba ko intambara ihagarara.

Liyetena Jenerali Halevi, umukuru w’ibiro vy’igisirikare ca Israel (IDF), yabwiye abanyamakuru ko ino ntambara “izobandanya mu yandi mezi atari make” kugira ngo Israel “ishike ku ntego zayo z’igihe kirekire”.

Ati: "Nta nzira za hafi zihari iyo hageze ikibazo co gusambura umuhari w’iterabwoba uretse ukwiyemeza kubandanya urugamba. Nta nyishu z’ibitangaza zihari”.

Mu gihe yemera ko urubuga rutoroshe, uno mujenerali yiyemeza guhagarika canke kurangiza ubutegetsi bwa Hamas n’aho vyofata igihe kirekire, akongerako y’uko IDF iri hafi yo gusambura amabatayo (bataillons/ battalions) yose ya Hamas mu buraruko bwa Gaza.

Ibinyamakuru vyo muri Israel n’ivy’Abarabu bivuga ko Misiri yashikirije integuro yo guhagarika intambara.

Nk’uko amakuru abivuga, iyi nteguro itegekanya irekurwa ry’abanya-Israel bose bafashwe bunyagano hamwe n’igitigiri kitazwi c’impfungwa z’abanya-Palestina bapfungiwe mu mabohero ya Israel, ibi bikarangirana n’ihagarikwa ry’ibitero vya Israel.

Amasezerano y’agahengwe aheruka yahagarariwe na Qatar yashoboye kurekuza abafashwe bunyagano bari bapfungiwe muri Gaza hamwe n’impfungwa z’abanya-Palestina. Gushika ubu, impande zompi, Israel na Hamas, ntizerekwa ihagarikwa ry’intambara burundu.